UK: Abarongoye amakompanyi bemeye kwongereza abakozi b'abirabure

Amakompanyi Barclays na Deloitte hamwe n'ayandi atari make mu Bwongereza yiyemeje kwongereza igitigiri c'abakozi b'abirabure, ni mu ntumbero yo kurwanya akarenganyo gakorerwa abirabure.

Mw'ikete ryateweko umukono n'abarongoye amakompanyi 40, basavye n'ayandi makompanyi gukora gutyo.

Umukuru w'umurwi witaho Uburinganire n'Uburenganzira bwa Muntu mu Bwongereza yabwiye BBC ko amakompanyi ategerezwa kwiha intumbero yo kwongereza abakozi batari abazungu mu nzego zo hejuru.

David Isaac avuga ko amakompanyi akeneye "kugira uruhara rukomeye" mu guha ikibanza gikomeye abantu mu butandukane bwabo.

Avuga ko urupfu rwa George Floyd muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rwashize ahabona akarenganyo gakorerwa abantu atari abazungu.

Icegeranyo ciswe Colour of Power 2020, cakozwe n'ikigo Green Park gitanga ubuhanuzi ku bijanye n'ubutandukane, kivuga ko mu nzego zo hejuru mu makompanyi atari make mu Bwongereza, muri leta no mu bundi butegetsi bw'igihugu, inkehwa zingana n'ibice bidashika 5%.

Kivuga ko ibiharuro bisa n'ivyagumye uko muri ino myaka mike iheze.

Umukuru wa kompanyi E.On UK, Michael Lewis, yagize ico avuga ku vyo ayo makompanyi yiyemeje akavuga ati:

"Tuzokwama duharanira ivyo twemera kandi twerekane ko dushize hamwe mu kurwanya ivanguramoko, kwigisha abandi no kwishimira ubudasa, ivyo bikazoduha inguvu zo guhindura isi ".

Mu gutera igikumu kuri urwo rwandiko, abarongoye amakompanyi biyemeje gufata ingingo ziboneka mu ntumbero yo kwongereza igitigiri c'abirabure mu bakozi bayo.

Zimwe muri izo ngingo harimwo:

  • Kwiha ihangiro yo kurondera igitigiri kanaka c'abirabure kandi abatanga akazi bagategerezwa kwerekana intonde z'abasaba akazi zerekana ubutandukane.
  • Gukora amatohoza ku ngorane abirabure bahura nazo muri kompanyi, kandi hagashingwa imirwi kanaka mu ntumbero yo kumenya ubuhinga abirabure n'izindi nkehwa bafise.
  • Kwigisha abakozi ku bijanye n'ubuhinga bw'abirabure ku kazi ndetse na kompanyi muri rusangi
  • Abarongoye amakompanyi bakarya umutimamenyo bakemera ko ataco bakoze kugira ngo bongereze ubudasa mu bakozi babo.

Suki Sandhu, uwatanguje akaba ari nawe arongoye ishirahamwe Imvolve ryishinze guhimiriza ubutandukane mu buzi, ni umwe mu bari muri iryo sekeza, avuga ko yatewe intege n'igitigiri c'abemeye gushira igikumu kuri urwo rwandiko.

Avuga ati: "Akamo katewe n'isekeza Black Lives Matter ntikagiye uko, kandi amakompanyi akeneye guhaguruka agafata iya mbere mu mpinduka zigamije kwongereza abirabure mu buzi".

"Ndafise icizere ko, mu gihe abayobozi benshi bateye igikumu kuri iri kete, dushobora gufatira ku ngingo biyemeje tukazana impinduka mu kazi kandi tukaguma dukurikirana ingene biguma bigenda, kuko amakompanyi ategerezwa kwama atanga ivyageranyo buri mwaka ".

Hagati aho, amakenga ntabura mu bakozi bamwe bamwe b'abirabure. Umwe mu bakozi ba Barclays atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, yabwiye BBC ati: "Nzovyemera ndabibonye".

Icegeranyo Colour of Power 2020 kivuga ko mu bantu 1,097 barongoye inzego nkuru nkuru mu Bwongereza, 1,046 bose ari abazungu.