FAO ivuga ko DR Congo ari co gihugu 'ca mbere cugarijwe n'ibura ry'ibifungurwa kw'isi'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishami rya ONU rijejwe uburimyi n'imfungurwa kw'isi (FAO) riragabisha ko abantu bashika hafi imiliyoni 22 muri Republika ya Demokarasi ya Congo bahanzwe n'ibura ry'ibifungurwa, ico gitigiri kikaba kibandanya kwiyongera kuva mu mwaka uheze.
Mu cegeranyo, iryo shirahamwe rigira riti:
"Igitigiri c'abantu bahanganye n'ibura ry'ibifungurwa rikomeye canke bageramiwe cane gusumba, cariyongereye birenze urugero - kuva ku miliyoni 15.6 mu 2019 gushika ku miliyoni 21.8."
Iryo shirahamawe rivuga ko intambara hamwe n'ikiza coronavirus, vyagize ingaruka ku biciro vy'ibifungurwa hamwe no ku bundi buryo bwo kubaho, vyatumye ibintu biba bibi gusumba.
Ico cegeranyo kivuga kiti: "Ivyo bintu vyatumye hakenerwa imfashanyo nyinshi kandi ubu ico gihugu ni co ca mbere gifise ikibazo c'ibifungurwa kw'isi."
FAO iradoma urutoke kw'"igabanuka ry'ubutunzi rifitaniye isano n'ita ry'agaciro k'ifaranga rya Congo, igabanuka ry'umwimbu w'amahera igihugu cinjiza buri mwaka hamwe n'ibiza", nk'umwuzure, nk'ibintu bigira uruhara muri izo ngorane.
Benshi mu bantu bagizweko ingaruka n'ico kibazo, bari mu ntara za Kivu ya ruguru n'iyo epfo, Ituri hamwe na Kasai yo hagati, nk'uko bimenyeshwa na FAO.
Iryo shirahamwe rivuga ko ibintu bigoye cane vy'umwihariko ku bahungiye hagati mu gihugu hamwe n'abasubijwe mu zabo "kenshi basubira iyo baje bava bagasanga ata kintu na kimwe gihari cobafasha gusubira mu buzima bwa misi yose".
FAO iragabisha ko, kubera ico kigoyi, uwohirahira agatera ingorane zotuma imfashanyo zidashikira abo zigenewe, azoba atumye abantu bamererwa nabi gusumba no kuburizamwo utwigoro two gutorera inyishu ico kibazo.










