FAO iragabisha ko hagiye kuba igitero c'inzige mw'ihembe rya Africa

Inzige

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu ntango z'uyu mwaka, inzige zaratikije imirima muri aka karere kose

Ishami rya ONU rijejwe uburimyi n'imfungurwa kw'isi, FAO, riragabisha ko hagiye gutera urundi rukurikirane rw'inzige mu karere k'ihembe rya Afrika inyuma y'aho igihuhusi ca Gati gishikiye muri Somalia.

Vyitezwe ko imvura nyinshi izotuma zirwirirana ku murindi munini.

FAO ivuga ko izo nzige zizoza zivuye mu bumanuko bwa Somalia na Ethiopia, zishike mu buraruko bwa Kenya kuva mu ndwi ya kabiri y'ukwezi kwa cumi na kabiri.

Ryagabishije ko ubwinshi bw'izo nzige bushobora kuzoba burenze.

Mu ntango z'uyu mwaka, amamiriyaridi y'utu dukoko twaratikije imirima mu karere kose - mu gihe ONU igabisha ko utuzoza mu nyuma dushobora kuzokwonona ibintu vyinshi gusumba.

Cari co gitero ca mbere c'inzige gikomeye kibaye mu myaka irenga 70.