Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Namibia: Camunara y'inzovu 170 kubera uruzuba
Uruzuba hamwe n'imibanire mibi iri hagati y'abantu n'ibikoko vyatumye Namibia iteza camunara inzovu 170 "z'agaciro kanini".
Ku musi wa gatatu, hasohotse itangazo mu kinyamakuru ca reta ca New Era rivuga riti: "Kubera uruzuba hamwe n'iyongerekana ry'igitigiri c'inzovu, hakaniyongerako imibanire mibi hagati yazo n'abantu, vyabaye ngombwa ko tugabanya igitigiri cazo".
Iryo tangazo ryatanzwe n'ubushikiranganji bw'ibidukikije bwabwiye abazishaka ko hari ivyo basabwa gukwiza, harimwo kwubahiriza amategeko mpuzamakungu hamwe n'uruhusha rwo kujana ibikoko iyo bikenewe.
Abazipfuza bahawe ikiringo co gushika itariki 29 z'ukwezi kwa mbere ngo babe bavuze amahera botanga.
Mu mwaka uheze, ico gihugu catanze uruhusha rwo kugurisha n'imiburiburi ibikoko 1.000 bigeramiwe n'urupfu kubera inzara mu gihe amashamba vyahora birishamwo agenda aruma.
Mu bikoko bizogurishwa harimwo inzovu, imbogo, umusumbaremba n'impongo hakaba hitezwemwo amahera agera ku muliyoni n'ibihumbi ijana vy'amadolari yo gukoresha mu mpongore kama.