China: Abantu batandatu harimwo n'abaganga barapfunzwe bazira kudandaza ibihimba vy'umubiri

There is a thriving black market for organ donations in China
Insiguro y'isanamu, Hariho igwirirana ry'amasoko atemewe n'amategeko ry'ibihimba vy'umubiri mu Bushinwa

Ibinyamakuru vyo mu Bushinwa bivuga ko abantu batandatu, harimwo n'abaganga benshi, bapfunzwe muri ico gihugu bagirizwa kuba boba barabitse ibihimba vy'abantu bapfuye bazira amasanganya.

Uwo murwi wabeshe imiryango y'abo bantu bapfuye ko batanze ku bushake imfashanyo y'ivyo bihimba vy'umubiri.

Hagati y'umwaka wa 2017 na 2018 bakuye mu bantu 11 ibitigu n'amafyigo mu bitaro vyo mu ntara ya Anhui.

Igihugu c'Ubushinwa gifise ikibazo c'ibihimba vy'umubiri bike cane, kikaba kiriko kiragerageza gukwiza ivyo gikeneye mu gusaba abantu kubitanga ku bushake.

Inkuru zitangwa n'ibinyamakuru vyo mu Bushinwa zivuga ko abo bagurisha ivyo bihimba harimwo abaganga bo mu rwego rwo hejuru bane, bakora muvyo kwakira ibihimba vy'abantu mu bitaro.

Ivyo binyamakuru bivuga ko babikura mu bantu bagize isanganya y'imodoka canke abantu bafise indwara yo kuvira imbere mu bitaro vya Huaiyuan County People's Hospital i Anhui.

Muganga mukuru wo mu gisata citaho indembe, Yang Suxun, yaregera imiryango y'umurwayi akayisaba nimba bokwemera gutanga ibihimba vy'umurwayi wabo ku bushake. Uwo muryango waca ushira umukono ku cagiye kugaragara mu nyuma ko yari amasezerano y'amanyanga.

Insiguro ya video, ONU isaba ko ayo mabi arwiriye mu bihugu vya Afrika, vy’Abarabu na Asiya ahagarara.

Uwo murwayi yaca akurwa mu bitaro mu gicugu, agashirwa mu modoka imeze nka rusehabaniha, aho abo baganga bamukuriramwo ivyo bihimba.

Inkuru zivuga ko ivyo bihimba vyaca bigurishwa ku bantu ku giti cabo canke ku bitaro abagize uwo mugwi ubigurisha bahamagara mw'ibanga.

Vyagiye kumenyekana inyuma y'aho umuhungu w'umwe mubakuwemwo ibihimba agiriye amakenga.

Inyuma y'amezi menshi nyina wiwe apfuye mu 2018, Shi Xianglin, yasubiyemwo kwihweza neza impapuro umuryango wiwe wahawe, igihe bemera gutanga ivyo bihimba ku bushake, asanga hari vyinshi biteye amakenga - harimwo hamwe hamwe kuri izo mpapuro hatanditswe ikintu na kimwe.

Mu nyuma aca asanga ata na hantu na hamwe handitse ko nyina wiwe yatanze ivyo bihimba haba mu butegetsi bw'intara canke mu gisata cegeranya ivyo bihimba mu Bushinwa kiri i Beijing 'China Organ Donation Administrative Centre in Beijing'.

Yabwiye ikinyamakuru co muri ako karere ca Dazhongwang ko igihe yabaza Yang ivyo bintu, yaciye amuha amahera menshi.

Shi yavuze ati:"Aho ni ho naciye nemera ko hari ikintu kidasanzwe kiriko kiraba."

Yaciye abivuga ku bategetsi.

Abo bagabo batandatu bagurisha ibihimba vy'umubiri baciriwe urubanza mu kwezi kw'indwi bagirizwa "gutabagura umubiri w'umuntu babiteguye".

Ivyo bigiye kuja ahabona ubu inyuma y'aho Shi avuganiye n'ibinyamakuru.