Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
BBC Abagore 100: Menya abagore 100 bari ku rutonde rw'umwaka wa 2020
BBC yerekanye urutonde rw'abagore 100 bakoze ibintu bikomeye kandi bafise ijunja bari hirya no hino kw'isi muri 2020.
Uyu mwaka "BBC 100 Women" yerekana abafata iya mbere mu guhindura ibintu kandi bakora ibintu bidasanzwe muri ibi bihe vy'ibihuhusi vyinshi.
Kuri uru rutonde harimwo Sanna Marin arongoye leta ihuriwemwo n'abagore gusa muri Finilande, Michelle Yeoh, yabaye inyenyeri mu mareresi mashasha ya Avatar and Marvel, hamwe na Sarah Gilbert arongoye ibikorwa vy'ubushakashatsi kuri kaminuza ya Oxford mu kurondera urucanco rwa coronavirus, hamwe na Jane Fonda, umwe mu baharanira gukingira ikirere akongera akaba n'umukinyi w'amareresi.
Hanyuma muri uno mwaka udasanzwe - mu gihe abagore batagira igitigiri kw'isi bitanze mu gufasha abandi - izina rimwe ku rutonde rwa "BBC 100 Women" ntiryashizwemwo nko gutanga icubahiro.
Ku bumva ururimi rw'icongereza, kanda aho munsi kuri buri photo mumenye umwe umwe muri abo bagore n'ico yakoze
Aba bagore 100 BBC ibahitamwo gute?
Isekeza "BBC 100 Women" rifise umugwi w'abakozi bakora urutonde bafatiye ku mazina bakusanije bo nyene hamwe n'ayo bashikirijwe n'ibiganiro vya BBC World Service bitangaza mu ndimi zitandukanye.
Twarondera abakandida bakoze ibidasanzwe bikavugwa cane, canke batumye handikwa inkuru zikomeye mu mezi 12 aheze, co kimwe n'abatumye havuka inkuru zayazwe, bashitse ku kintu kidasanzwe canke bateye intege ikibano cabo naho vyoba bitaravuyemwo inkuru.
Amazina yatororokanijwe yaciye yihwezwa hisunzwe insanganyamatsiko y'uno mwaka - abagore bagize ico bahindura - hanyuma arihwezwa hisunzwe guserukirwa kw'intara zose hamwe no kudahengamira uruhande na rumwe, imbere y'uko urutonde ntabanduka rutorwa.
Ababifiseko ububasha: University of Melbourne, Kim SooHyeon , Quoc Dat, Rachata Sangkrod, Fee-Gloria Groenemeyer, Rakyan Bramasto, NCID,Thomas Laisne, Nandar, Kunjan Joshi, Shajan Sam,Shahbaz Shazi, AxKimia, Arash Ashourinia, UNHCR, Nancy Rached, Emily Almond Barr, ICARDA, 89up, No Isolation, Anna Khodyreva, Bogdanowa Ekaterina, Anastasia Volkova by Sydney Morning Herald, University of Oxford / John Cairns, Arvid Eriksson, Jeronimo Zúñiga / Amazon Frontlines, Alejandra Lopez, Víctor Hugo Yañez Ramos, Rick Buchanan Photography, Eddie Hernandez Photography, Ant Eye Photography, Chris Collingridge, Abdelhamid Belahmidi, Kunmi Owopetu, Alien Prose Studio, Mastercard Foundation, Hannah Mentz, Fortress, Vice Media Group LLC, Francis Mweze from Sighted Design, Angelou Studio's, Zola Photo, David Gee, Will Kirk, Paloma Herbstein, Miguel Mendoza Photo Studio, Denise Else, Dioned Williams, Alcaldía Mayor de Bogotá, Global Network of Women Peacebuilders, Reece Williams with Artists in Presidents, Sebastian Lindstrom, Getty Images, Andrés Kerese, Gulnaz Zhuzbaeva, Claire Godley, The Australian Water Association, Wu Baojian, Laura Kotila Prime Minister's Office, O'Shea Tometi, María Esme del Río, Gio Solis, Laurent Serroussi, DCMS, Inti Gajardo, Morgan Miller, Helena Price Hambrecht, Courtesy of John Russo, UN Women/Ploy Phutpheng.
Ababigizemwo uruhara
Vyahinyanyuwe na Amelia Butterly, Lara Owen, Lorin Bozkurt, Valeria Perasso, Stephanie Gabbatt, bitegurwa na Alison Trowsdale, Ana-Lucia Gonzalez, bitunganywa na Marta Marti Marques, Chloe Skillman nayo uwacafye ni Sean Willmott.
"BBC 100 Women" ni iki?
BBC 100 Women itangaza abagore 100 b'imboneza bo hirya no hino kw'isi buri mwaka. Dutegura amareresi mbarankuru, ibiganiro birebire hamwe n'ibiyago ku buzima bwabo, mu guha umwanya munini inkuru zishira imbere abagore.