Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatora muri US: Gusanisha Trump na Mugabe hari abo vyariye mu mutwe
Hari abantu kuri Twitter bifatiye mu gahanga uwahoze ari umutegetsi muri Amerika bitewe n'uko yagereranije Trump n'uwahoze atwara Zimbabwe, umuhisi Robert Mugabe.
Mu kugereranya abo barongozi babiri, uwo yahoze ari umutegetsi muri Amerika yafatiye ku kuntu Trump yazanye ivyagiriji vy'ubusuma mu matora y'umukuru w'igihugu wa Amerika ariko ntatange ibimenyetso bivyemeza.
Mugabe yatwaye Zimbabwe kuva mu 1980 gushika atembagajwe mu 2017. Yamaze imyaka myinshi ku butegetsi biciye mu matora kenshi yarangwamwo ivyagiriji vy'ubusuma.
Ubutumwa bwa Twitter bwa madamu Samantha Power bwarungitswe haciye iminota mikeyi Bwana Trump atanze ikiganiro ku banyamakuru ejo kuwa kane.
Muri ico kiganiro yavuze ko kuba amahirwe yiwe yo gusubira gutorwa ariko aramuca mu myanya y'intoke vyatewe n'abatoye mu buryo budakurikije amategeko.
Yiyamirijwe cane kuri ivyo yavuze, benshi mbere bakavuga ko ariko arashira mu kaga inzego za demokrasi za Amerika.
Ariko Abanyafrika bamwe kuri Twitter bavuze ko ukwo kugereranya abo barongozi ari uburyo Abanyamerika batoye bwo kwegeka ibibazo ku bandi aho kuraba ibibazo biraje ishinga igihugu cabo.
Ubu ni bumwe mu butumwa bwanditswe n'insiguro yabwo muri twa migina:
- "There really is no Robert Mugabe comparison here. Accept your president" from @Tomi_Oladipo (Oya nta kugereranya na Robert Mugabe gushoboka ngaha. Emera prezida wanyu)
- "Only African elections are like this. Not elections in the sophisticated White west! Your inability to see and acknowledge America's flaws, and try to rebrand this as an African failure is outrageous. No, this is Western democracy behaviour. It's the USA, 100%. Own it." from @GlobalMediaPhD (Amatora yo muri Afrika niyo yonyene agenda uku. Ntibiba mu matora yo ku rwego rwo hejuru mu Buraya bw'Abazungu! Kunanirwa kubona no kwemanga inenge za Amerika, ugashaka kubihindurira izina uvyegeka ku kunanirwa kwa Afrika ni akamaramaza. Oya, iyi ni inyifato ya demokrasi y'Abanyaburaya. Ni USA, 100%.)
- "Ah.. Africa the bench mark of disaster. I remember the administration you served having its own favourite tyrants. Should I name them? Nah. You have their phone numbers." from @bahrzaf (Ah.. Afrika ni akarorero k'amakuba. Ndibuka ko leta wakorera yari ifise abanyagitugu yakunda. Ndabavuge amazina? Oya. Urafise nimero zabo za telefone.")