Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatora muri US 2020: Kuki imbuga zitandukanye zerekana amajwi ahushanye?
Kubera iki imbuga z'amakuru zitandukanye zerekana amajwi atari amwe?
Niwaba uriko urabona uguteranya amajwi gutandukanye mu nkuru z'ikibiriraho (live) ku mbuga zitandukanye z'amakuru, bishobora kuba vyagucanganije.
Ibi biterwa n'uko imbuga zimwe zagereranije abatsinda i Arizona [bisigura ko hari intumwa zitora (electoral college) 11 z'inyongera] hamwe na Wisconsin (intumwa zitora 10) ku ruhande rwa Biden.
BBC yoyo ibona ko hakiri kare kugira igire ico itangaza.
Uno mwaka, BBC yahawe ibiharuro na Reuters, bivuye mu kigo c'ubuhinga mu guharura amajwi ca Edison Research, gikora ibikorwa vyo kugenzura ivyavuye mu matora gikoranye n'ibitangazamakuru vyo muri Amerika hamwe n'urwego rw'igihugu rujejwe guharura amajwi.
I Wisconsin, 99% vy'amajwi yaraharuwe, abakandida bakaba basa n'abaganya.
Muri Arizona, 85% vy'amajwi yaraharuwe, Biden akaba ari imbere n'amajwi 51%, mu gihe Trump afise 48%.
Ijambo nyamukuru uno mwaka ni "kwihangana". Guma ukurikirana turaza kugushikiriza ibishasha uko tuza turabironka.