US isaba abategetsi ba Tanzania gukora amatohoza ku tunenge tuvugwa mu matora

amatora muri Tanzania

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuwa gatatu niho haba amatora y'umukuru w'igihugu, abashingamateka hamwe n'abahanuzi b'amakonmine

Ubuserukizi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Tanzania busaba abategetsi b'iki gihugu gukora amatohoza ku tunenge tuvugwa mu matora y'umukuru w'igihugu muri ino ndwi.

Imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n'indorerezi barashize ahabona utunenge dukomeye twaranze amatora yo ku wa 28/10/2020.

Umurwi ujejwe gutegura no guhagararira amatora muri Tanzania urahakana amakuru avuga ko aya matora yabayemwo ubusuma.

Kimwe mu tunenge nyamukuru dushirwa ahabona n'ubuserukizi bwa Amerika ni ibivugwa ko hibonekeje amajwi y'ubusuma muri ayo matora.

Hari kandi ipfungwa rya bamwe mu bitoza, ikumirwa ry'abatavuga rumwe ku biro vy'amatora hamwe n'iyugarwa ry'imbuga hwaniro.

Ibi vyose vyarashikirijwe ibiro vy'ubuserukizi bwa Amerika bivuga ko ari "ukuri".

Afatiye kw'ihagarikwa rya Maalim Seif Hammad atavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi muri Zanzibar, Donald J Wright, yanditse ku rubuga rwa Twitter ko gupfunga abategetsi batavuga rumwe n'ubutegetsi atari igikorwa ca leta yiyemera ko yatsinze amatora.

Ibi bibaye mu gihe ibiharuro mfatakibanza biva mu murwi ujejwe gutegura amatora vyerekana ko Perezida John Magufuli asanzwe ari ku butegetsi ari we aza imbere ku rugero runini cane.

Umukeba wiwe wa hafi cane Tundu Lissu wo mu mugambwe Chama cha Demokrasia na Maendeleo (CHADEMA) amaze kuronka ibice 15 %.

Mu gihe ivyavuye muri ano matora bibandanya bishirwa ahabona, ibiharuro vy'amajwi amaze guharurwa gushika ubu vyerekana ko Chama Cha Mapinduzi, CCM, imaze gutsinda mu turere 145 kuri 264.

Gushika ubu, intebe imwe y'inama nshingamateka niyo imaze kuja mu minwe y'abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi, ikaba yatahukiye umugambwe Civic United Front (CUF).

Ubuserukizi bwa Amerika bubona ko ubutandukane burenze urugero muri bino biharuro butera amakenga menshi ku bijanye n'ingene amatora yagenze.

Umurwi ujejwe gutegura amatora (NEC) uriyamiriza ibi bivugwa, uwuwurongoye Semistocles Kaijage avuga ko ata kuri na gutoya kurimwo.

Ati: "Hari amakuru ariko arazunguruka ku mbuga hwaniro ko hari amasandugu yafashwe arimwo amajwi y'ubusuma mu turere twa Kawe mu gisagara ca Dar es Salaam, Pangani mu ntara ya Tanga na Buhigwe mu ntara ya Kigoma. Nta vyemezo bihari kandi ntiyerekana ibiro vyabereyeko".

Abatavuga rumwe na leta baramaze kumenyesha ko batazokwemera ibizotangazwa ko vyavuye muri aya matora bavuga ko yaranzwe n'utunenge dukomeye.

Tundu Lissu yabwiye abanyamakuru ati "ivyo ari vyo vyose vyabaye (ku wa gatatu) si amatora".