Tanzania: Ukuriye abatavuga rumwe na leta wari wafunzwe muri Zanzibar 'yarekuwe'

Maalim Seif, umukuru w'umugambwe ACT Wazalendo utavuga rumwe na reta mw'izinga rya Zanzibar, yari yahagaritswe ejo ku wa kabiri yarekuwe nk'uko bivugwa n'umugambwe wiwe.
Maalim Seif Sharif yafashwe n'igipolisi ejo mu gatondo ku biro vy'itora vya Garagara, bikaba vyaciye vyiyamirizwa n'abatavuga rumwe na reta.
Ishaka ryiwe rimenyesha ko yarekuwe n'igipolisi nta yandi mananiza abayeko.
Amatora mu izinga rya Zanzibar yatanguye ejo ku wa kabiri mu gihe muri Tanzania ho yatanguye kuri uyu wa gatatu.
Mbere, igipolisi cavuze ko ata nkuru gifise zerekeye ifatwa ry'uyo munye politike.
Inkuru z'ibimenyeshamakuru muri iryo zinga zivuga ko Awadh Juma Hajj urongoye igipolisi mu gisagara ca Magharibi, yavuze ko ata nkuru n'imwe araronka yerekeye ifatwa ry'uwo mutegetsi.
Inkuru zivuga ko ibarabara rija kuri ico kirindiro ryugawe, hakaba hariko haraterwa imyuka ikoroza amosozi.
Nk'uko biri mw'itangazo rya ACT Wazalendo ku rubuga rwayo rwa Twitter, Maalim Seif yahagaritswe n'abajejwe umutekano igihe yari ku biro vy'itora vya Garagara.
Kuri uyu wa mbere, akanama kajejwe gutegura amatora muri Zanzibar kamenyesheje ko abapolisi n'abahagarikiye amatora ari bo bazoba barekuriwe gutora ku munsi wa mbere w'ayo matora ejo ku wa gatatu.
Kavuze ko iyo ngingo ari iyo guha akaryo abo bakozi bakunze kugira ingorane zo gutora.
Umukuru w'akanama kajejwe gutegura amatora mw'izinga rya Zanzibar (ZEC), Hamid Mahmoud, yaradondaguye abarekuriwe kuja gutora kuri uwo munsi wa mbere.
"Abazotora ku munsi wa mbere ni aba bakurikira: abahagarikizi b'amatora, abafasha abahagarikizi b'amatora ku biro vy'amatora, abapolisi, intumwa z'abajejwe gutegura amatora n'abanyagihugu bajejwe igikorwa co gucungera umutekano mu bihe vy'amatora".
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Mahmoud yavuze ashimitse ko abanyagihugu babujijwe kuja ku tuzu tw'amatora kiretse abari ku rutonde rumanitswe ku tuzu tw'amatora bafise uburenganzira bwo gutora ku munsi wa mbere.
Bivugwa ko umugambwe utavuga rumwe na reta ACT Wazalendo wa Maalim Seif werekanye amakenga ku kungene ayo matora y'ibanze atunganijwe.
Hagati aho, uwujejwe kumenyesha amakuru mu mugambwe ACT Wazalendo avuga ko abantu batatu bishwe barashwe n'igipolisi mw'izinga rya Pemba.
Icegera c'umukuru w'igipolisi muri iryo zinga arabihakana akavuga ko bariko barakoresha ivyuka bikoroza amosozi mu gushwiragiza abantu, badakoresha amasase.
Imbuga hwaniro 'zugawe'
Kuva ejo ku wa kabiri, abakoresha imbuga hwaniro muri Tanzania bavuga ko bafise ingorane zo gukoresha internet.
Ivyo bibaye inyuma y'aho akanama k'igihugu kajejwe gutunganya amatora kagabishirije ku nkuru z'ibinyoma ziriko zirahanahanwa ku mbuga hwaniro.
Ubu, benshi mu bakoresha izo mbuga ntibashobora kuja kuri Twitter, bakaba baca bikora ku bundi buhinga buzwi kw'izina rya "VPN" .
Kigogo, umwe mu bantu bazwi cane kuri Twitter, yanditse ati: "Uko bigaragara, reta ya Tanzania yugaye Twitter haba muri Tanzania no mw'izinga rya Zanzibar. Twimiririje ibihe bitoroshe".










