Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Poland: Ikibombe kidasanzwe co mu ntambara II y'isi caturitse kiriko kirategurwa
Ikibombe kinini kitaturitse mu ntambara ya kabiri y'isi yose cabonetse mu gihugu ca Polonye caturitse igihe bari mu gikorwa co kugitegura, nk'uko bivugwa n'umuvugizi w'igisirikare c'ico gihugu.
Ko ico kibombe cari gushobora guturika, vyari vyitezwe n'abahinga mu kwibira mu mazi, bose bari muri ico gikorwa, akaba mbere ata n'umwe yakomeretse.
Abantu bababa 750 bakuwe mu gisagara cegereye ikivuko ca Swinouijscie.
Ico kibombe c'ingabo z'Ubwongereza citwa Tallboy canke "nyamugigima" cakorowe mu gihe c'intambara y'isi yose, gituma ubwato bw'Abadagi Lützow butwarwa.
Swinoujscie hari higaruriwe n'Abadagi hakaba hitwa Swinemünde, igihe haterwa ico kibombe.
Igihe hariko harategurwa ico kibombe humvikanye umutingito mu bice bimwe bimwe vy'ico gisagara, amavidewo akaba yerekana ikintu caturitse n'amazi menshi mu kirere.
Ico kibombe cari gifise uburebure bwa metero zitandatu (6) n'uburemere bwa toni 5.4, nk'igice caco kikaba cari kigizwe n'ibintu biturika.
Ico kibombe cari ku metero 12, igipande kimwe kikaba caboneka hejuru.
Abasirikare bagwanira mu mazi bifashishije icuma gikoreshwa bari kure mu kugerageza "guturira" ico kibombe - ubuhinga iyo bwakunda, bwari guturira intsinga ziha inguvu ibintu biturika vyari muri iyo bombe, ata kintu na kimwe gituritse, nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC ari i Warsaw (Varsovie).
Grzegorz Lewandowski, umuvugizi w'igisirikare kigwanira mu mazi, yagize ati:
"Ubwo buhinga bwo guturira bwahindutsemwo guturitsa. Bivugwa ko ico kibombe ubu ata ngorane kigiteye ubwato buva Szczecin bugana Swinouijscie".