Delphine Boël: Uyu yavyawe hanze n'uwari umwami w'Ububiligi Albert II yatsindiye amazina y'ubwami

Delphine Boël ashaka kuronswa uburenganzira bumwe n'abo basangiye se, nk'uko bivugwa n'uwumuburanira

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Delphine Boël ashaka kuronswa uburenganzira bumwe n'abo basangiye se, nk'uko bivugwa n'uwumuburanira

Umwana yavyawe hanze n'uwahoze ari umwami w'Ububirigi Albert II yatsinze urubanza rwo guhabwa uburenganzira n'amazina yicubahiro co kimwe n'abana se wiwe yavyaranye n'umugore bubakanye kuva mu 1959.

Muri iyi ngingo yafashwe na sentare, umunyatugenegene Delphine Boël w'imyaka 52 azoronswa iteka ryo kwitwa Umuganwakazi w'Ububirigi.

Umwami Albert yagiye kwemera ko ari we se wiwe mu kwa mbere kw'uno mwaka, inyuma y'urugamba uyu mukobwa wiwe yari amazemwo imyaka irenga cumi.

Nyina wiwe, Baroness Sybille de Selys Longchamps, avuga ko yakundanye na Albert mu kiringo c'imyaka 18 yose imbere y'uko aba umwami.

Ibihuha vyagiye gukwirakwira ubwa mbere ko yavyaye umwana n'uwundi mugore inyuma y'aho hatangarijwe mu buryo butemewe n'amategeko amateka y'ubuzima bw'umugore wa Albert, Umwamikazi Paola, inkuru yagiye kuja ahabona mu 1999.

Umupfasoni Boël yatanguye kumenyesha ko Umwami Albert ari we yamuvyaye mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru mu 2005, ariko akaba yagiye kwitura ubutungane mu 2013, inyuma y'aho atangiye imihoho mu 2013, gutyo aba atakaje ubudahangarwa.

Uwumuburanira yabwiye abanyamakuru ko umupfasoni Boël "anezerejwe cane" n'iyi ngingo ya sentare.

Marc Uyttendaele avuga ati: "Nivyo ko ingingo ya sentare idashobora gusubirira urukundo rwa se nk'umuvyeyi, ariko ubutungane buba bukoze".

"Hari abandi bana benshi bari mu bigerageza nk'ibi bashobora guca baronka inguvu zo guhangana navyo".

Umupfasoni Boël n'abana biwe babiri, ubu bashobora kwitwa izina rya se wiwe, Saxe-Cobourg.

Umwami Albert amaze gufpa, iyi ngingo izoshobora gutuma umupfasoni Boël aronswa ibisigi co kimwe n'abandi bana batatu ba Albert, ari bo umuganwa Laurent, umuganwakazi Astrid, hamwe n'umwami w'iki gihe, Philippe.

Ariko rero n'aho aronse iki cubahiro, umupfasoni Boël nta burenganzira afise kw'itunga ry'i bwami.

Gusa, Albert ategerezwa gutanga hafi imiliyoni 3.4 z'ama Euro kugira ngo ashobore kuriha amagarama y'urubanza, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru De Standaard co mu Bubirigi.

Nyina wiwe, Baroness Longchamps, avuga ko ivy'urukundo rwiwe n'umwami Albert - ico gihe akaba yari umuganwa wa Liège - vyatanguye mu 1966 gushika mu 1984.

Albert yagiye kwimikwa giturumbuka inyuma y'urupfu rwa mwenewabo mu 1993 afise imyaka 62. Yabaye umwami gushika mu 2013, igihe atangiye imihoho - kubera amagara yari amukitse - maze aza gusubirirwa n'umuhungu wiwe, Philippe.

Uyu mutama w'imyaka 86 yagumye yanka amategeko ya sentare yo kumufata ibipimo vya ADN/DNA gushika igihe ifatiye ingingo yo kumuca ihadabu ry'ama euro 5,000 buri munsi mu gihe yobandanya yanka iyi ngingo.

Mu kwa mbere, uno mwaka, niho yagiye gutangaza ko yemera umupfasoni Boël nk'umwana wiwe agira kane "amaze kubona inyishu z'ibipimo vya ADN/DNA".

Ububiligi bugendera ku ntwaro ya cami, ariko akaba ata butegetsi bwa politike umwami afise.