Iran: Perezida Rouhani avuga ko igihugu ciwe kizishura n'inguvu agatotezo ka America

Trump na Rouhani

Umukuru w'igihugu ca Irani Hassan Rouhani avuga ko Amerika "igiye gutsindwa" mu ngingo yayo yo gushaka gufatira ibihano igihugu ca Irani mu rwego rw'ishirahamwe ONU, mu gihe ibihugu vya Burayi bifata ko itangazo ry'uruhande rumwe ridafise ishingiro.

Mw'ijambo yashikirije ku mboneshakure, Bwana Rouhani avuga ko Irani "izotanga inyishu izobabaza Amerika ku gatotezo kayo".

Ubutegetsi bwa Trump buvuga ko ibi bihano bigiye gusubira gufatwa mu rwego rwa ya masezerano Amerika yivumburamwo.

Ubwongereza, Ubufaransa n'Ubudagi bivuga ko Amerika ata bubasha ifise bwo gufata ingingo nk'iyi.

Ibi bihugu bitatu - co kimwe n'Uburusiya, Ubushinwa na Amerika - vyari muri ya mazeserano vyagiriraniye na Irani mu 2015 mu ntumbero yo guhagarika umugambi wayo wo guhingura ubutare bw'ubumara.

Ariko Perezida Donald Trump, umuntu aterekwa aya masezerano yashitsweko ku ntwaro ya Obama, yaruhutse akuyemwo Amerika mu 2018.

Ivyo vyatumye Irani ica itangura guhonyanga bimwe mu vyo yari yiyemeje muri aya masezerano, aho yaciye itangura kwimbura ubutare bwa Uranium ku rugero rusumba urwo itagerezwa kurenga.

Amerika ivuga ko iki gihugu gikwiye guhanwa, ikavuga ko ibihano vyose vyari vyafashwe n'ishirahamwe ONU bisubira gufatwa, mbere ko n'ibihano vyerekeye ibirwanisho Irani yari yafatiwe bidashobora kuvaho ku wa 18 z'ukwezi kw'icumi nk'uko vyari vyumvikanyweko.

Hagati aho, iyi ngingo ya Washington yiyamirijwe bikomeye n'ibihugu vyose bigize akanama gashinzwe umutekano mw'ishirahamwe ONU, mbere uru rwego nta yindi ngingo rwigeze rufata. Ingaruka z'iyi ngingo ntiziratomoka.

Ejo ku wa Mungu, itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryasubiyemwo umutegetsi mukuru wa Amerika ariko atavuzwe izina, avuga ko uno munsi ku wa mbere Washington ifatira ibihano amashirahamwe n'abantu barenga mirongo ibiri bafise uruhara mu migambi ya Irani ijanye n'uguhingura ubutare bw'ubumara, misire hamwe n'ibindi birwanisho.

Irani yavyifashemwo gute?

Mw'ijambo ryiwe, Bwana Rouhani yavuze ati: "Amerika iriko yegera ikiringo co gutsindwa kuri ino ngingo ijanye n'ibihano…yitege ko igiye gutsindwa kandi ko n'amakungu azofata ingingo zitazoyishimisha".

Mu ntango, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire yavuze ko iyi ngendo ya Amerika ari "impfagusa", akavuga ko iyi "nzira ya Amerika ibangamiye amahoro n'umutekano mpuzamahanga, kandi ko ibangamiye, mu buryo butari bwabeho, ibikorwa vya ONU n'akanama kajejwe umutekano kw'isi".

"Irani ishimangira ko mu gihe hogira ico Amerika ikora kijanye n'iri terabwoba, yo nyene ubwayo canke ibicishije ku ncuti zayo, izohura n'ikibazo gikomeye kandi ko ari yo izobazwa ingaruka mbi zayo zose".

None amakungu yoyo abifata gute?

Ubwongereza n'Ubufaransa, ibihugu bibiri ntayegayezwa mu kanama gashinzwe umutekano mw'ishirahamwe ONU, hamwe n'Ubudagi, bivuga ko iri tangazo rya Washington "ataco rimaze kuko ritajanye n'amategeko" kubera ko Amerika yisunze amasezerano yateye akagere.

Mw'itangazo ibi bihugu vyasohoreye hamwe, bivuga biti: "Rero nico gituma ivyemezo n'ibikorwa ivyo ari vyo vyose vyofatwa hisunzwe iyi ngingo ataco vyoba bivuze kuko bitisunze amategeko".

"Twaritanze uko dushoboye kwose kugira ngo aya masezerano ku mugambi wa Irani wo guhingura ubutare bw'ubumara yubahirizwe kandi turiyemeje kubandanya".

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya, ikindi gihugu ntayegayezwa mu kanama gashinzwe umutekano mw'ishirahamwe ONU, avuga ati:

"Ibikorwa n'ivyemezo vyose bifatwa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika bitisunze amategeko ntibishobora kugira ingaruka ku rwego mpuzamahanga ku bindi bihugu".

Ku wa gatandatu, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU, António Guterres, yabwiye akanama gashinzwe umutekano ko adashobora gufata icemezo na kimwe kuko "vyotera amakenga" kuri iki kibazo.

Ariko, abategetsi ba Amerika bobo babandanya bavuga ko n'aho bavuye muri aya masezerano bagifise uburenganzira bwo gufata ingingo bayisunze.

Hari haciye iminsi 30 umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Mike Pompeo amenyesheje ko ubutegetsi bwayo bwariko burihweza ingene bwofata ibi bihano.

Mw'itangazo yasohoye ku mugoroba wo ku wa gatandatu, Pompeo yavuze ko mu minsi iri imbere ibihugu bitazoba biriko birashira mu ngiro ibi bihano bizofatirwa ingingo, ariko nta nsiguro yatanze.

Imaze kwivumbura muri aya masezerano, Amerika yongeye gufatira ibihano igihugu ca Irani, ivyatumye ubutunzi bw'iki gihugu busubira inyuma mu gihe n'igiciro c'ibitoro cagabanutse, kandi gisanzwe carasinzikajwe n'ikiza karanda ca Covid-19.

Amerika yatangaje iyi ngingo mu gihe hasigaye hafi indwi zitandatu ngo habe amatora y'umukuru w'igihugu.

Perezida Trump ahanganye n'umukeba wiwe wo mu mugambwe w'aba Democrates Joe Biden wewe yemereye abanyamerika ko azosubiza igihugu cabo muri ayo masezerano.