Coronavirus: Oxford igiye gusubira gutangura rwa rucanco rwari rwabangiriwe

Urukingo

Ahavuye isanamu, Reuters

Igerageza rw'urucanco rwa Covid-19 ruriko rutunganywa n'uruganda rw'imiti AstraZeneca n'ishure kaminuza ya Oxford rigiye kubandanya inyuma yo kubangirwa inyuma y'aho bivugiweko hari uwo rwagizeko ingaruka mbi.

Ku wa kabiri w'iyi ndwi, AstraZeneca yavuze ko iri gerageza ryari ribaye rirahagarikwa mu gihe hariko hakorwa amatohoza kugira barabe nimba ivyabaye kuri umwe mu bantu bariko barugeragerezwako bifitaniye isano.

Ariko nijoro ku wa gatandatu, kaminuza ya Oxford yatangaje ko uru rukingo ata ngorane rufise, ko rero rushobora kubandanya.

Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu mu Bwongereza, Matt Hancock, yakiriye n'igishika cinshi iyi nkuru imenyesha ko igeragezwa ry'uru rucanco rigiye kubandanya.

"Iyi ngingo yo kubangira yerekana ko twitwararitse ubuzima bwa muntu imbere ya vyose. Tuzoshigikira abahinga bacu kugira no bashobore kuduha urucanco nyarwo vuba bishoboka".

Itangazo ryasohowe n'iyi kaminuza rivuga ko vyari "vyitezwe" ko bamwe "mu bariko bageragerezwako uru rucanco bashobora kubona ingaruka mbi" mu magerageza manini cane nk'iri.

Ryongerako y'uko ubu bushakashatsi bushobora kubandanya bisunze impanuro bahawe n'umurwi wigenga ujejwe kwihweza ibijanye n'imiti, hamwe n'ikigo c'igihugu kijejwe kugenzura imiti n'ibijanye n'ubuvuzi.

Ntiyategerezwa gutanga amakuru yerekeye umurwayi ku mpamvu z'ibanga, ariko ikinyamakuru New York Times carashoboye kumenya ko umwe mu bitanze kugeragerezwako mu Bwongereza yagize ibibazo vy'ubushe ku ruti rw'umugongo.

Ishami rya ONU rijewe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO rivuga ko hafi incanco 180 ari zo ziriko zirageragezwa mu mpande zitandukanye z'isi, ariko ko gushika ubu ata na rumwe rurashobora kurangira.

Hari icizere kinini ko uru rucanco rushobora kuba mu za mbere zishobora gutangura gukoreshwa, inyuma y'aho rugeragerejwe ku ncuro ya mbere n'iya kabiri bikagenda neza.

Iri gerageza ryo ku ncuro ya gatatu ririko rikorerwa ku bantu bashika 30.000 muri Amerika co mu Bwongereza, Brezili na Afrika y'Epfo.

Incuro ya gatatu kenshi ijamwo abantu baharurwa mu bihumbi kandi igashobora no kumara imyaka itari mike.

Ku wa gatatu, umuhanuzi wa leta mu bijanye n'ubuhinga mu Bwongereza, Sir Patrick Vallance, yabwiye abanyamakuru ko ivyashitse muri rino gerageza ririko rikorwa na Oxford ari ibintu bitari bimenyerewe.