Canada: indege WestJet yahagaritse urugendo kubera umwana yanse kwambara agapfukamunwa

Safwan Choudhry avuga ko abarongoye iyo ndege WestJet bategetse ko umwana wiwe w'amezi 19 yambara agapfukamunwa, ariko uyu mwana w'umwigeme arabarahira, akaguma ahubwo arira.

Abarongoye iyi ndege bobo bavuga ko ikibazo atari uyo mwana afise imyaka iri munsi y'iyitegekanijwe kugira ngo yambare agapfukamunwa, ahubwo ko ari umwana wa Bwana Choudhry afise imyaka itatu.

Iyo ndege yariko iva mu gisagara ca Calgary ija i Toronto yaciye ihagarika urugendo, maze ingenzi zose zitegekwa gusohoka.

Bwana Choudhry yabwiye BBC ati: "Jewe n'ukuri sinari bwigere mbona ibintu nk'ibi, kandi ntivyari bwigere bimbako".

Bwana Choudhry yabwiye BBC ko uyu mwana wiwe w'umukobwa afise imyaka itatu, yariko ararya agakate imbere y'uko indege iguruka, niho yaza abona abakozi bo mu ndege bamwegereye bamutegeka ko abo bana biwe bompi bambara udupfukamunwa. Avuga ko we n'umugore wiwe bobo bari batwambaye.

Avuga ko yasavye ko uyo mwana wiwe mukuru yobanza agaheza utwo yariko arafungura, ariko bakaba bamubwiye ko bagendera ku mategeko, kandi ko badashobora kwugara imiryango y'iyo ndege mu gihe batambaye udupfukamunwa.

Bwana Choudhry avuga ko yaciye yemera akambika umwe muri bo muri ako kanya nyene.

Ati: "Mu bisanzwe abana bose utegerezwa kubanza kubahendahenda kugira ngo ubake na terefone".

Avuga ko uyo mwana w'imyaka itatu yahavuye yambara agapfukamunwa, ariko abanje guturubikwa.

Ati: "Ariko uwundi muto vyagoranye n'ukuri, aranagira n'ubwoba".

Bwana Choudhry avuga ko aka kana k'agakobwa karize gushika n'aho kadahwa.

Avuga ko abakozi ba WestJet ari ba ruburakigongwe, bakaba bamubwiye ko umuryango wose utegerezwa gusohoka mu gihe uyo mwana yokwanka kwambara agapfukamunwa.

Avuga ko yabwiye y'uko bashobora guhagarikwa, bagashirwa muri sentare kandi bagapfungwa mu gihe batokwemera gusohoka.

Avuga ko we n'umugore wiwe baciye bagamburuka, maze bahitamwo gusohoka.

Mu nyuma niho yahava amenya ko amategeko agenga ukwunguruza abantu muri Canada ategeka ko abana bafise imyaka irenga ibiri ari bo bategerezwa kwambara agapfukamunwa, rero ko uyo mwana wabo w'amezi 19 atategerezwa kukambara.

Urugendo rw'indege ya Canada, WestJet rwahagaritswe kubera ko umwana yari muri iyo ndege atari yambaye agapfukamunwa.

WestJet ivuga iki?

WestJet ivuga ko uyo mwana w'imyaka itatu atari yambaye agapfukamunwa.

Mw'itangazo yasohoye, ivuga iti: "Kubera abavyeyi banse kwambika agapfukamunwa umwana wabo mukuru arenza imyaka ibiri, vyabaye ngombwa ko abakozi bacu basigurira abo bakuze amategeko dutegerezwa gukurikiza".

"Abakozi bacu baciye bahamagara abategetsi inyuma y'aho aba bantu bankiye gukurikiza amategeko mfatakibanza ya Canada ajanye n'ukwunguruza abantu, baca bafata ingingo yo guhagarika uru rugendo rw'iyi ndege".

Avuga ko hari bamwe mu ngenzi bari bashavuriye umuryango wiwe, ariko ko abandi benshi bifatanije nawo. Benshi bashigikiye uyu muryango, mu gihe akana kabo gato koko kaguma karira, nk'uko abivuga.

Avuga ko muri uwo mwanya ari ho abakozi bo mu ndege baca batumako igipolisi. Baciye bava mu ndege, hanyuma urwo rugendo ruca rurahagarikwa rwungururizwa ku munsi ukurikira.

WestJet iti: "Kubera icuka kibi caciye kiduga mu ndege, abakozi bacu bumvise ko badashobora kubandanya urugendo, ari naco gituma rwaciye ruhagarikwa".

Mu yindi reresi, umupolisi aboneka ariko asigura avuga ko n'aho ikibazo c'agapfukamunwa kuri uyo mwana akuze cari "cakemutse", "inyifato y'izindi ngenzi yatumye abakozi bumva ko badatekaniwe".

Muri iyo reresi, bamwe mu ngenzi bumvikana bashinyaguriza umupolisi n'abakozi bo mu ndege.

Hagati aho, niho mu nyuma uyo mupolisi yavuga ko igihe yinjira yasanze uyo mwana mukuru yambaye agapfukamunwa.

Ni navyo biboneka mw'ireresi yafashwe na Bwana Choudhry kuri telefone, yerekana uyo mukobwa wabo mukuru yambaye agapfukamunwa igihe abapolisi bashika muri iyo ndege.

Marian Nur, umwe mu ngenzi zari muri iyo ndege, yafashe amajwi makeya y'ingene ibintu vyagenze muri uko guterana amajambo, akavuga ko yari afise ubwoba kuko uyo muryango wifatiwe mu gahanga bawuhora ivanguramoko hamwe n'idini ryabo - umugore wa Bwana Choudhry yari yambaye ca gitambara c'aba isilamu (hijab).

Uyu mugore yabwiye BBC ati: "Jewe vyambabaje cane, aba bavyeyi ntibigeze bagorana, kandi ntibigeze bahangana n'aba bakozi bo mu ndege, ahubwo bobo bagumye bibaza igituma ari bo bonyene biziziwe".

Bwana Choudhry avuga ko we n'umuryango bakiri mu gisagara ca Calgary gushika ubu, kandi ko batarahabwa iyindi ndege ishobora kubatwara i Toronto.

Avuga ko yizeye ko ibi ata wundi muntu bizosubira gushikira.