Uko umunyafrika yorongora umuryango mpuzamakungu w'ubudandaji yohindura ibintu

Mu gihe mu bantu umunani bariko bahiganira kurongora umuryango mpuzamakungu w'ubudandaji, OMC/WTO, batatu muri bo bava ku mugabane wa Afrika, ni akahe karusho mu gihe hogira umwe muri abo bantu batatu bakomoka muri Afrika yohabwa amahirwe yo kurongora iri shirahamwe mpuzamakungu?

Hari icipfuzo kigenda ciyongera c'abanyafrika ko bikwiye y'uko umunyafrika yohabwa amahirwe yo kurongora iri shirahamwe riri mu mashirahamwe mpuzamakungu akomeye ajejwe ubutunzi.

Aha ni mu gihe Ibanki y'isi yose yamwe itwarwa n'umunyamerika, nayo ikigega mpuzamakungu kikaba camye kirongowe n'umunyabulayi, ariko ata munyafrika arigera aronka uburongozi nk'ubwo.

Ariko, nko mu gihe umunyanijeriya Ngozi Okonjo-Iweala, canke umunyakenya Amina Mohamed canke umunyamisiri Abdel-Hamid Mamdouh, umwe muri bo yoronka ayo mahirwe yo kurongora OMC/WTO, uyu mugabane nawo wokwumva y'uko uri kumwe n'iyindi migabane mu birangurirwa kuri ino si.

OMC/WTO niyo ishinga amategeko ngenderwako agenga urudandaza kw'isi, kandi igatatura amatati ajanye n'urudandaza yadutse hagati y'ibihugu.

Nk'uko vyanditswe ku rubuga ngurukanabumenyi rwayo, "itegerezwa kwugurura urubuga rw'ubudandaji ku nyungu z'ibihugu vyose".

Inguvu z'uyu muryango ufise icicaro i Geneva zo gushinga amategeko ngenderwako mpuzamakungu ibihugu vyose bitegerezwa kwisunga zagiye zihura n'ibibazo kuva mu myaka mike iheze, ariko uwuwurongoye arafise ikibanza n'ubushobozi bwo gushobora gutera igitsure.

Umukuru wayo aritaba amanama ahuza ibihugu indwi (G7) hamwe n'iyo ibihugu 20 (G20) bitunze kurusha ibindi kw'isi, kandi akaba ashobora no gufasha gutorera umuti ukutumvikana gushobora kwibonekeza hagati y'abategetsi b'igihugu vya rutura kw'isi.

Ariko, ubwo hari vyinshi Afrika yokwunguka uretse kugira ikibanza kw'isi?

'Urudandaza ariko atari imfashanyo'

N'aho uruhara nyamukuru rw'umuyobozi mukuru rujanye n'uburongozi, umuyobozi akomoka muri Afrika ashobora gufasha kugira ngo inyungu z'uyu mugabane zitabweho mu bikorwa vya OMC.

Burya ibiganiro vyerekeye ubudandaji bibera mu karwi gatoya kandi bikabera mw'ibanga, ariko ibivamwo bikaraba ubuzima bw'abantu bose.

Kuva kuri urya mudandaza muto cane ava mu gihugu aja mu kindi agenda n'ikinga canke n'amaguru incuro nyinshi cane uko ukwezi gutashe, gushika kuri urya muguzi agura ikintu cavuye hanze kw'isoko, eka n'urya mukozi muto mu ruganda kanaka: abo bose barakorwako n'ingingo zigenga ubudandaji.

Muri Afrika, ubudandaji bufatwa nk'inzira ishikana ku majambere umuntu akeneye, inzira yo gutera imbere, igikoresho nyaco co kurwanya ubukene.

David Luke, umukuru w'ikigo kijejwe ibibazo vy'ubudandaji mu murwi wa ONU ujejwe ubutunzi ku mugabane wa Afrika, avuga ati: "Imfashanyo mvamakungu ntaho izigera ishitsa Afrika. Nk'uko n'ahandi vyagenze kuva muri kahise, ubudandaji niyo nzira nyayo".

"Rero abanyafrika basanzwe babona ko mu gihe umunyafrika yorongora OMC vyokwerekana ko twafashe mu minwe koko ibijanye n'ubudandaji".

Afrika yose kuba akarere k'ubucuruzi butariha amakori

Umupfasoni Okonjo-Iweala yahoze ari umushikiranganji w'ikigega ca leta, yabwiye BBC ko ikimuraje ishinga ari umunyafrika asanzwe.

Avuga ko yipfuza "kuraba ingene abakenyezi n'urwaruka basanzwe baribagiwe muri ino mishinge y'iterambere muri Afrika, nabo boronka inyungu mu budandaji mpuzamakungu".

Aripfuza kandi kubona Afrika ivavanuye n'iyi ngeso yo kwama igurisha hanze ibidandazwa bidahinguye (matières premières), ahubwo "ibidandazwa bihinguwe bikaba ari vyo bihabwa akarusho kw'isoko mpuzamakungu".

"Nk'akarorero, ku mugabane wa Afrika ibice 94% vy'imiti dukoresha tuyigura hanze, mu gihe twebwe nyene dushoboye kuyikorera muri Afrika".

Umupfasoni Mohamed, yabaye umushikiranganji w'ubudandaji hamwe n'uw'imigenderanire wa Kenya, yabwiye BBC ko ashobora gutanga "iyindi ntumbero nshasha" ishobora kwagura akarere kandi bose bakiyumvamwo ibiriko birakorwa.

Ariko ntashaka ko abantu bamubona gusa "nk'umutegetsi akomoka muri Afrika canke w'umugore, ariko bamubone nk'umuyobozi w'inararibonye afise ubushobozi kandi ashobora kwubaka umwumvikano".

Ku ruhande rwiwe, Bwana Mamdouh amaze igihe aserukira Misiri mu biganiro hagati y'igihugu ciwe na OMC kuva mu 1985, avuga ko afise ubumenyi n'uburambe bihagije muri uyu muryango bikaba vyamuhaye ubushobozi bwo kubona ingene yofasha Afrika.

Avuga ati: "Intumbero yanje kwoba ukwinjiza Abanyafrika kwinjira gusumba muri uyu muryango w'ubudandaji".

"Nohamagarira kandi abategetsi b'ibihugu vya Afrika kwitwararika gusumba politike ijanye n'ubudandaji".

Ariko icigaragaza cane mu nyishu ziwe, ni uko nk'umukuru wa OMC/WTO ashobora guhimiriza abakuru b'ibihugu, ariko adashobora kubahatira gukora mu buryo runaka.

Urutonde rwose rw'abahiganira kurongora OMC/WTO:

  • Mohammad Maziad Al-Tuwaijri - Saudi Arabia
  • Liam Fox - Ubwongereza
  • Jesús Seade Kuri - Mexico
  • Abdel-Hamid Mamdouh - Misiri
  • Amina Mohamed - Kenya
  • Yoo Myung-hee - Koreya y'Ubumanuko
  • Ngozi Okonjo-Iweala - Nigeria
  • Tudor Ulianovschi - Moldova

N'ubwo bimeze uko, umukuru wa OMC arashobora kugira uruhara mu bijyanye no gufasha gutegura politike ikomeye ijanye n'ubudandaji muri Afrika, iyi nayo ikaba yerekeye gushika ku masezerano y'ubudandaji bwisanzuye ku mugabane wose wa Afrika (African Continental Free Trade Agreement, AfCFTA) ).

Aya masezerano - kugihamana kibi ishirwa mu ngiro ryahagaze kubera coronavirus - yitezwe gushika ku ntumbero nyamukuru, iyi nayo kukaba ari ugushinga akarere k'ubucuruzi bwisanzuye kanini cane katari bwigere kabaho kw'isi.

Umuhinga muvyo ubudandaji Luke avuga ati: "Ibi bizotuma muri Afrika hava ibicuruzwa bitagira utunenge, gutyo abantu bakaronka amafaranga kandi bikabafasha kurwanya ubukene bwabaye akaranda".

Amategeko n'intumbero y'Amasezerano y'ubudandaji bwisanzuye ku mugabane wose wa Afrika birajanye n'ivya OMC, kandi mu gihe hoboneka umuyobozi w'uyu muryango mpuzamakungu w'ubudandaji akomoka muri Afrika, yofasha kugira ngo uwu mugambi ufatwe mu mugongo gusumba ku nyungu z'umugabane.

Ishobora kuba imfashanyo mu bijanye n'ubuhinga, ivyigwa mu bijanye n'ubudandaji n'ugutegura neza politike ijanye n'ubudandaji, ivyotuma icipfuzo co kugira Afrika akarere k'ubudandaji bwisanzuye kija mu ngiro.

Kuba umuhuzi mu bibazo vy'ubucuruzi hagati ya Amerika n'Ubushinwa

Intambara y'ubucuruzi hagati ya Amerika n'Ubushinwa, hamwe na politike ya "Amerika imbere ya vyose" (Amerika First) ya Perezida Donald Trump ni inzitizi ikomeye ku cifuzo co gushinga akarere k'ubudandaji bwisanzuye.

Aha ntitwibagiye kandi ko ingingo zagiye zifatwa mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira rya coronavirus zagize ingaruka mbi ku budandaji.

Hejuru y'ivyo, kuba Amerika yaranse gushiraho canke kugumizako uyiserukira mu nama nyobozi ya WTO ariyo yemeza canke igahakana ivyemezo vy'iri shirahamwe, vyateje uruhagarara muri iyo nama nyobozi. Bisa kandi n'ibibangamira OMC/WTO yose muri rusangi.

Hanyuma kandi, utwigoro tw'uyu muryango woba ufise two gushinga amategeko mashasha ashobora guhurirwako n'ibihugu vyose twaraburijwemwo.

Mu 2001, OMC yaratanguje ivyitwa ibiganiro vya Doha, vyategerezwa gushika ku masezerano yo gufasha ibihugu bikiri mu nzira y'amajambere.

Ariko ibi biganiro vyarahagaze ataco bishitseko kandi bikaba vyagiye kwanka rwose inyuma y'imyaka irenga cumi.

Ng'ibi rero ibibazo nyamukuru umuyobozi mushasha w'uyu muryango azoshikirako mu kw'icumi na rimwe kuza.

Ufatiye kuri ivyo, igikorwa cihutirwa c'umuyobozi mukuru mushasha kizoba ukwubaka OMC hamwe no kugarukana icizere mu muryango.

Ategerezwa kuba umuntu afise ishaka ata kuraba ngo ava aha canke hariya.

Mu gihe umwe muri aba banyafrika yogirirwa amahirwe yo kuyobora OMC, utwigoro two gufasha Afrika turashobora kugwa mu mazi mu gihe yonanirwa no gutsimbataza uyu muryango.