Uganda: Umushikiranganji muri sentare yagirizwa kurasa abakunzi b’uyo bahiganwa

Umushikiranganji w'akazi muri Uganda, Mwesigwa Rukutana, yitezwe kurenguka muri sentare kuri uyu wa mbere inyuma yo guhagarikwa yagirizwa ko yarashe umuntu mu mpera z'indwi iheze.

Uyu mushikiranganji yagirizwa ko yarashe abanywanyi b'umukeba wiwe inyuma y'aho atsindiwe mu matora yo hasi yatunganijwe n'umugambwe uri ku butegetsi National Resistance Movement (NRM).

Ibinyamakuru vyo muri Uganda bitangaza ko batatu muri abo banywanyi b'uyo mukeba wiwe bakomeretse, umwe akaba aremvye cane.

Bwana Rukutana arahakana ko atigeze arasa abanywanyi b'uyo bahiganywe.

Ibinyamakuru vya Uganda bisubiramwo amajambo avugwa n'abari ahabereye iryo bara, aho bavuga ko uyo mushikiranganji yatse inkoho umwe mu bamucungera agaca arasa abo banywanyi b'uwari ahejeje kumutsinda.

Umushikiranganji Rukutana yaciye ahagarikwa, co kimwe na batatu mu bamucungereye ubuzima.

Icegera c'umukuru w'igipolisi muri Uganda, Polly Namaye, avuga ko abo bantu bagirizwa ko bashatse kugandagura abantu.

Ireresi yerekana uyu mushikiranganji yafashe iyo nkoho yakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi.