Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: 'Ingingo za guma mu rugo zatumye hazovuka abana benshi'
Abategetsi ba Kenya biteze ko mu mpera z'uyu mwaka haba ibitigiri vy'umurengera vy'abana bazovuka, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru co muri ico gihugu Standard, gisubiramwo ibitangazwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu ku ngaruka za coronavirus.
Ibiharuro biva mu gihugu cose vyerekana ko ibitigiri vy'abaja gupimisha imbanyi kwa muganga vyiyongereye ku rugero rwa 10% kuva mu kwa gatatu uno mwaka, ugereranije n'imyaka ibiri iheze, nk'uko ico kinyamakuru kibandanya kibivuga.
Nta nsiguro zitangwa kuri iryo yongerekana, ariko umuhinga mu vy'ubuvuzi asubirwamwo amajambo avuga ko amavuriro yitayeho iki kiza karanda aribagira gutanga uburyo bwo kwirinda gusama imbanyi.
Umuhinga mu bijanye n'irondoka rijanye n'amagara meza, Victor Rasugu, yabwiye ikinyamakuru The Standard ko mu mpera z'uno mwaka hitezwe kuvuka abana benshi basamwe imbanyi mu gihe ca coronavirus.
Rasugu ati: "Nta kibuza, hazovuka abana benshi cane kubera ubukene bw'uburyo bwo kwirinda gusama imbanyi".
Bwana Rasugu, arongoye ishirahamwe ry'urwaruka n'imiyabaga, Network For Adolescent and Youth of Africa, avuga ko iri yongerekana ry'abana bavuka hamwe n'abakorora inda bizobandanya gushika mu gice ca mbere c'umwaka uza.
Iki cegeranyo c'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu cerekana ko gushika mu kwa gatandatu, abana basamye inda bangana na 174.203.
Kuva mu kwa gatatu kwonyene, abana 112.456 batewe inda, aho mu kwa gatandatu kwonyene abashika 30.418 ari bo bagiye kwipimisha imbanyi kwa muganga.
Leta ya Kenya yarafashe ingingo zo kubuza uruja n'uruza mu masaha y'ijoro kuva mu kwa gatatu, hamaze kuboneka umuntu wa mbere yanduye uwo mugera, inahimiriza abakoresha ko bokwemerera abakozi babo gukorera mu rugo.
Uruja n'uruza ku mugwa mukuru Nairobi no mu bindi bisagara bibiri biri ku nkengera z'ibahari rwarahagaritswe mu kiringo kitari gito.
Rusansuma yo mu 2019 yerekana ko Kenya ifise abantu imiliyoni 47 n'igice.