Coronavirus: Tanzania na Kenya: ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi

Tanzania yabujije indege za kompanyi yunguruza abantu ya Kenya, Kenya Airways, kwinjira mu gihugu, inyuma y'aho iki gihugu naco cimiye uburenganzira indege za Tanzania kwinjira ku butaka bwaco.

Ejo ku wa gatanu, umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Kenya, Mutahi Kagwe, yaratangaje ingingo ngenderwako zijanye no gusubira kwemerera indege mpuzamakungu kwinjira mu gihugu.

Mu vyari muri izo ngingo, harimwo urutonde rw'ibihugu abanyagihugu bavyo bemerewe kwinjira muri Kenya.

Ariko rero, kuri urwo rutonde, abo mu gihugu kibanyi ca Tanzania ntibarimwo.

Kagwe ati: "Izi ngingo zishingiye ku ngaruka zishobora kwibonekeza, ntizishingiye ku bijanye n'imigenderanire".

Hagati aho, ingingo yo kubuza indege za Kenya Airways yerekana ko amakenya ya Tanzaniya ataheze.

Indege zemerewe kwinjira muri Kenya ni izo mu bihugu vy'u Bushinwa, Korea yUbumanuko, u Buyapani, Canada, Zimbabwe, Ethiopia, Ubuswisi, Uganda, Rwanda, Namibia na Maroke.

Ikiza karanda coronavirus nico kibazo kindi giteye ukutumvikana muvyo imigenderanire hagati y'ibi bihugu.

Mu kwa gatanu, Kenya yarugaye imbibe zaco ihana na Tanzania inyuma y'aho hibonekeje ibitigiri binini vy'abadereva b'amakamyo ava muri Tanzania bapimwe bageze ku mupaka bagasanga baranduye coronavirus.

Haciye iminsi mike, umukuru w'igihugu ca Tanzania John Pombe Magufuli yamenyesheje ko yashoboye kuvugana na mugenziwe wa Kenya Uhuru Kenyatta , kandi ko bari bumvikanye ko abashikiranganji bo muri ivyo bihugu vyompi bari kubonana kugira ngo batorere umuti ico kibazo.

Bamaze kubonana, bumvikanye gusa ku bijanye no gupima no kwemeza ko abashoferi bapimwe bagasanga ntibanduye Covid-19 bashobora bemererwa kwinjira mu gihugu.

Ariko imibibe hagati y'ivyo bihugu zagumye zugawe.

Ibi bibaye vyerekana ko uku kutumvikana hagati ya Tanzania na Kenya gushobora kwiyongera, bitandukanye n'uko aba bategetsi bompi bari bijeje abanyagihugu mu kwa gatanu.

Hari kandi n'abagifise impungenge, babona ko Tanzaniya yafashe minenenrwe ikibazo ca Coronavirus, icizere ko kugarukana umwumvikano hagati y'ibi bihugu vyombi kigashobora kuba gike.