Trump yarahawe amakuru y'uko Uburusiya bwafashije kwica Abanyamerika muri Afghanistan

Ubutegetsi bwa Trump buvuga ko amakuru y'ibitero ku banyamerika muri Afhganistani bifashijwemwo n'Uburusiya adatomotse

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ubutegetsi bwa Trump buvuga ko amakuru y'ibitero ku banyamerika muri Afhganistani bifashijwemwo n'Uburusiya adatomotse

Ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika, Maison Blanche, biriko bitegekwa gusigura ingene ubutegetsi bwafashe amakuru yerekna ko Uburusiya bwahaye amafaranga aba Talibani kugira ngo bice abasirikare ba Amerika.

Abategetsi babandanya bashimangira ko Perezida Donald Trump "we ubwiwe" ata makuru yahawe ku nteguro mbi muri Afghanistan mu 2019.

Hagati aho, amakuru avuga ko Perezida Trump yahawe urwandiko rwerekana izo nteguro mu ntango z'uno mwaka.

Hari amakenga ko Trump yoba yarahawe amakuru y'integuro mbi ku basirikare ba Amerika ariko akaba yayafashe minenerwe.

Aya makuru yoba yagiye ahabona mu gihe Amerika yariko igerageza kurondera ibiganiro vyo kurangiza intambara imaze imyaka 19 muri Afghanistani, kandi Trump nawe akaba ariko arondera kunagura imigenderanire n'umukuru w'igihugu w'u Burusiya Vladimir Putin.

Amakuru atangazwa n'ibinyamakuru New York Times, Washington Post na Wall Street Journal, asubiramwo abategetsi ba Amerika batavuzwe amazina, bavuga ko igisata kijejwe igendereza mu gisirikare c'Uburusiya coba carahaye amahera abarwanyi begamiye aba Talibani kugira ngo bice abasirikare ba Amerika muri Afghanistan.

Uburusiya burahakana aya makuru mu gihe Abatalibani bavuga ko ata masezerano bigeze bagiriranira n'igendereza ry'Uburusiya. Aya makuru kandi aje mu gihe Bwana Trump ariko arondera kwitoreza ikiringo kigira kabiri mu matora ategekanijwe mu kwa cumi na rimwe uno mwaka.

None igishasha muri ivyo ni igiki?

Ejo ku wa mbere, ikinyamakuru New York Times casubiyemwo amakuru y'abategetsi babiri ba Amerika kitavuze izina, aho bavuga ko muri raporo y'umunsi ihabwa umukuru w'igihugu yatanzwe mu kwa kabiri uno mwaka harimwo ayo makuru.

Ibinyamakuru CNN na Associated Press navyo vyandika ko umukuru w'igihugu yahawe ayo makuru mu ntango z'uyu mwaka.

Umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche, Kayleigh McEnany, ntiyishuye ku kibazo cabajijwe n'abanyamakuru nimba Perezida Trump yarahawe icegeranyo kirimwo ayo makuru, akaba yavuze gusa ko Bwana Trump "we ubwiwe ata makuru yahawe".

Umupfasoni McEnany avuga kandi ko "abajejwe kwegeranya amakuru y'igendereza batashoboye guhuriza hamwe" ku vyerekeye ayo makuru.

Hagati aho, abahoze ari abategetsi mu gisata c'igendereza babwiye ibinyamakuru vya Amerika ko, mu butegetsi bwo mu myaka iheze, amakuru nk'aya akomeye yategerezwa gushikirizwa umukuru w'igihugu, n'aho ata vyemezo vyaba bihari.

Ubutegetsi bwa Trump buvuga ko 'we ubwiwe' ata makuru yahawe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ubutegetsi bwa Trump buvuga ko 'we ubwiwe' ata makuru yahawe

Abashingamateka umunani bo mu mugambwe w'aba Repubulika bari bitavye inama ejo ku wa mbere mu biro vy'umukuru w'igihugu yari irongowe na John Ratcliffe arongoye igendereza mu gihugu, Mark Meadows umukuru w'ibiro vy'umukuru w'igihugu, hamwe na Robert O'Brien umuhanuzi mukuru mu vyo umutekano.

Bamwe bateye akamo basaba ko hofatwa ingingo ku Burusiya n'umukuru w'ico gihugu Vladimir Putin mu gihe bosanga ayo makuru akiriko arihwezwa vyoboneka ko ari ay'ukuri.

Abashingamateka Adam Kinzinger na Michael McCaul ari mu murwi ujejwe imigenderanire mu nama nshingamateka, basohoye itangazo bavuga bati: " Mu gihe vyoboneka ko aya makuru ari ay'ukuri, dusaba dushimitse ko ubutegetsi bufatira ingingo ruhasha ubutegetsi bwa Putin".

Ingene vyagenze

Abo bategetsi batavuzwe amazina basubiwemwo n'ikinyamakuru New York Times bavuga ko ibigo bijejwe igendereza vya Amerika haciye amezi vyerekanye neza ko igisata kijejwe igendereza mu gisirikare c'Uburusiya carondeye guhungabanya ibihugu vy'abakeba mu gutanga amahera ku bitero vyakorwa ku ngabo mpuzamakungu.

Ico kinyamakuru kimenyesha ko bizwi ko abarwanyi b'idini rya isilamu, canke imirwi y'inkozi z'ikibi zegamiye abo barwanyi bahawe amahera muri iyo ntumbero.

Abanyamerika bashika 20 barishwe muri Afghanistan mu 2019, ariko New York Times ivuga ko bitaboneka neza aboba bishwe muri uwo mugambi.

Abo bategetsi basubiwemwo na New York Times bavuga ko abahanuzi mu vyo umutekano mu biro vy'umukuru w'igihugu bariko bihweza ico bokora, harimwo no gufatira ibihano Uburusiya.

Inkuru y'ico kinyamakuru yo ku wa gatanu w'indwi iheze ivuga ko Perezida Trump yahawe ayo makuru mu kwa gatatu uno mwaka.

Hagati aho, Bwana Trump arahakana ko atavyo yabwiwe.

Abicishije kuri Twitter ku wa Mungu, aho yandika avuga ko yaba we canke icegera ciwe Mike Pence batigeze babwirwa "ibijanye n'ivyo bitero vy'Abarusiya ku ngabo zacu muri Afghanistani".