Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Paul Whelan, yahoze ari umusirikare wa Amerika yaciriwe imyaka 16 yo gupfungwa mu Burusiya
Leta Zunze Ubumwe za Amerika ivuga ko "ibabaye cane" inyuma y'aho Uburusiya buciriye umunyororo w'imyaka 16 uwahoze ari umusirikare wayo mu rubanza rwabereye mw'ibohero ricunzwe cane.
Paul Whelan yahagaritswe ku mugwa mukuru w'Uburusiya Moscou mu 2018 afise intekero y'inyabwonko (USB) abategetsi b'Uburusiya bakavuga ko yarimwo amabanga yabwo.
Whelan avuga ko urwo rubanza rwari "inkinamico" kuko ngo ata kintu na kimwe yatahuyemwo mu gihe ata basiguzi yari yahawe.Umunyamabanga wa Leta wa Amerika, Mike Pompeo, asaba ko umuntu wabo arekurwa vuba bwangu.
Ati: "Leta Zunze Ubumwe za Amerika zirababajwe cane n'iyo ngingo y'uno munsi ya sentare y'Uburusiya yo gucira umunyororo umwenegihugu wa Amerika Paul Whelan mu rubanza rwabaye mu kanywababo, ata n'akaryo ahawe ko kwiregura".
Muri sentare yo mu gisagara ca Moscou, Whelan w'imyaka 50, yagirizwa ko yari abitse amakuru y'ibanga. Abamuburanira bamenyesha ko azokwunguruza.
Mu gihe hari amakuru avuga ko Whelan ashobora kuguzwa n'abapfungwa bakomeye b'Abarusiya basanzwe bapfungiwe mu mabohero ya Amerika, umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu w'Uburusiya avuga ko Whelan atari "impfungwa ya politike".
Dmitry Peskov ati: "Oya, ntibishoboka. Yaciriwe urubanza na sentare, kandi ingingo ya sentare iratomoye. Yaragirijwe, kandi ibirego vyarakiriwe kandi vyemejwe na sentare".
Paul Whelan ni nde?
Paul Whelan ni umunyagihugu afise amamuko y'ibihugu bine: Amerika, Canada, Ubwongereza na Irlande.
Yagiye muri Amerika ari umwana.
Amakuru atangwa n'igisirikare yerekana ko yinjiye mu ngabo zirwanira mu mazi mu 1994, haciye imyaka hafi itandatu akora nk'umupolisi i Michigan.
Yarwanye incuro zibiri muri Iraki, ubwa mbere mu 2004, hanyuma mu 2006.
Mu gihe yakora mu gisata ca gisirikare gikorera mu mazi (Marines) niho yatanguye ingendo zo mu Burusiya, akaba yabandanije atemberera muri ico gihugu incuro zitari nke.
Paul Whelan yahagaritswe ari mw'ihoteri iri ku mugwa mukuru Moscou mu kwa cumi na kabiri 2018.
Avuga ko yariko yitegurira ubugeni aho umugenzi yashika giturumbuka akamuha iyo USB, Whelan yibaza ko yarimwo amasanamu y'akaruhuko kiwe.
Haciye akanya, niho yaza abona abajejwe umutekano bamuteye mu cumba ciwe baramuhagarika bamwagiriza ko yahawe amabanga y'igihugu.
Inyuma y'urwo rubanza rwo kuri uyu wa mbere, umuryango wiwe wamenyesheje ko ubucamanza bw'Uburusiya ari bwo "bufise amakosa", ukabona ko abacamanza b'Abarusiya ari abanyapolitike aho kuba abacamanza bigenga.