Prezida Trump wa Amerika asaba ko haba amatohoza 'kw’igerageza ry’ugutembagaza ubutegetsi' bwiwe

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, amenyesha ko yavuganye n'umushikirizamanza mukuru w'ico gihugu kugira ngo arondere amamuko y'amatohoza ku vyo aregwa ko yagiranye amasezerano n'Uburusiya.

Avugana n'abamenyeshamakuru mu biro vyiwe, Maison Blanche, ejo kuwa gatatu mu gitondo, Bwana Trump yariyamirije amatohoza yakozwe n'ubushikiranganji bw'ubutungane ku kuntu yoba yakoranye n'Uburusiya mu myiyamamazo yiwe kugira ngo bayovye amatora yo mu mwaka wa 2016.

Ayo matohoza aheruka gukorwa na Robert Mueller yahoze arongoye ikigo FBI kijejwe igendereza rya Amerika yarejeje Bwana Trump n'abo bakorana bagirizwa ko bakoranye mu mpisho n'Uburusiya.

Ayo matohoza kandi yaramwejeje, we n'abo bakorana, bagirizwa ko boba baragerageje kuburabuza ubutungane.

Bwana Trump avuga ko amatohoza yakozwe kwari ukugerageza gutembagaza ubutegetsi bwiwe.

Avuga ati: "Aho bariko bagerageza gusenyura ubutegetsi. Baragerageje gukura umukuru w'igihugu. Ariko twarabanesheje. Twarabanesheje".

Bwana Trump amenyesha ko ivyo yagirizwa vyose yari amafuti, akavuga ko abamwagiriza bose bahemukiye igihugu.

Umushikirizamanza mukuru avuga ko ayo matohoza yerekana ko Bwana Mueller ata vyemezo yaronse vyerekana ko ivyo vyabaye, kandi ko atashoboye kwerekana nimba Bwana Trump yaraburabuje ubutungane.

Bwana Barr amenyesha ko atabona akamaro ko kubandanya bakurikirana urwo rubanza.

Donald Trump yamye asaba ko hoba amatohoza ku bakoze amatohoza ku myiyamamazo yiwe, akaba yiteze ko ivyo bizokorwa n'umushikirizamanza mukuru aherutse kugenwa, William Barr.

Ku ruhande rwiwe, Nancy Pelosi, umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika amenyesha ko atizigiye Bwana Barr, akavuga ko kubona ashigikira Prezida Trump bitera amakenga ku vyo ajejwe nk'umushikirizamanza mukuru w'ico gihugu.