Uganda: Abagabo bane bafashwe bagirizwa kwica inguge yo mu bwoko buri ku mushiro

Rafiki yoba yishwe ifise imyaka 25

Ahavuye isanamu, UGANDA WILDLIFE AUTHORITY

Insiguro y'isanamu, Rafiki yoba yishwe ifise imyaka 25

Igisata kijejwe ibidukikije muri Uganda cahagaritse abagabo bane bagirizwa kwica inguge (ingagi mu Kinyarwanda) nkuru mu nguge zo mu misozi.

Iyo ngunge yitwa Rafiki niyo yari nkuru mu murwi w'izindi 17, ikaba yari imenyerewe cane mu gihugu.

Yatanguye kuburirwa irengero ku wa 01 z'uku kwa gatandatu, aho yagiye gutorwa ikiziga bukeye. Yari yakomerekejwe mu nda ku ruhande rw'ibubamfu.

Nk'uko itangazo riva muri ico gisata kijejwe ibidukikije ribivuga, abo bahagaritswe bavuga ko bari bagiye guhiga, ariho bagwa kuri uwo murwi w'izo nguge. Iyo nguge ikaba yashatse kubirukako, ariho umwe muri bo yaca ayitera icumu mu kwivuna.

Abategetsi bavuga ko mu nzu y'umwe muri abo bafashwe basanzemwo ibikoresho bikoreshwa mu ruhigi, harimwo ibikoreshwa mu gutega imitego hamwe n'amacumu.

Abo bagabo bose bari mu gasho k'igipolisi mu kurindira ko barengutswa muri sentare.

Ibirunga

Ubwoko bw'izo nguge zisigaye kw'isi nzima zingana hafi igihumbi, muri zo Uganda ihaye indaro izirenga igicecazo.

Ubwo bwoko bw'izo nguge busanzwe buri ku mushiro ziboneka mu mashamba cimeza ya Bwindi hamwe na Mghahinga, hamwe no mw'ishamba cimeza (pariki) ry'ibirunga risangiwe n'ibihugu vy'u Rwanda, Uganda na Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo.

Ukubungabunga izi nguge ni isoko rikomeye mu gisata c'ingenzi mu karere.