Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump yasinye ibwirizwa 'ribangamiye Twitter', yo yanyegeje ubutumwa bwiwe
Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yasohoye ibwirizwa rigabanya uburenganiza bumwe bumwe bw'ukudahangarwa buhabwa imbuga hwaniro.
Iryo bwirizwa ritanga uburenganzira ku bagenzuzi bwo gufatira ingingo amakompanyi amwe amwe nka Facebook na Twitter kubera ukungene zigenzura ibica ku mbuga zazo.
Igihe yariko atera umukono kuri iryo bwirizwa, Perezida Trump yagirije imbuga hwaniro ko zifise "ububasha kanaka zitategerezwa kugira".
Inyuma gato yo gutangaza iryo bwiriza Twitter yacciye inyegeza ubutumwa Trump yari amaze gutangaza ku biriko bibera i Mineapolis.
Hagati aho iryo bwirizwa rishobora guhura n'ibibazo bishingiye ku mategeko.
Bwana Trump - asanzwe akoresha kenshi Twitter - amaze igihe yagiriza imbuga hwaniro ko ziburabuza canke zigerageza kuburizamwo amakuru amwe amwe benezo badashaka.
Ku munsi wa gatatu, Bwana Trump yaragirije Twitter ko yivanga mu bijanye n'amatora. Ni inyuma y'aho ikoreye umwihwezo ku mwa tweet abiri yari ahejeje kwandika.
Bwana Trump muri iki gitondo yanditse kuri Twitter avuga ku biriko bibera muri Minneapolis.Ubutumwa Twitter yaciye ibunyegeza, ivuga ko burimwo amajambo ateye kubiri n'amategeko ngenderwako ya Twitter abuza guhamagarira imigumuko.
Ubwo butumwa ariko burashobora gusomwa n'umuntu abanje kubufyondako.
Abahinga muvyo amategeko, bavuga ko inama nshingamateka ya Amerika canke abajejwe ubutungane bategerezwa kugira uruhara mu guhindura amategeko ajanye no gukingira izi mbuga.
None iryo tegeko rivuga iki?
Iryo bwirizwa ritanga umuco kuri bimwe bimwe biri mw'itegeko, Communications Decency Act, rikingira imbuga nka Facebook, Twitter na YouTube mu bihe bimwe bimwe.
Mu ngingo ya 230 y'iryo tegeko, imbuga hwaniro ntizibazwa ivyandikwa n'abazikoresha, ariko ko "ku gatima keza" zishobora gukurako amajambo amwe amwe ateye isoni, yifatira mu gahanga abantu canke agumura.
Iryo bwirizwa yateyeko igikumu, rihamagarira inama nshingamateka "gufuta canke guhindura ingingo ya 230" kandi rikavuga ko ubwo budahangarwa budakwiye gukora mu gihe izo mbuga ziramutse zihinduye ivyanditswe n'abazikoresha.
Rivuga kandi ko ubwo budahangarwa budakwiye gukora iyo izo mbuga zihaye kuzibira bimwe mu bizicako, harimwo mbere n'ugufuta ama tweet y'abantu ku mvo zitandukanye n'amategeko ngenderwako y'urubuga ngurukanabumenyi.
Bamwe babona ko izo mbuga hwaniro zishaka kwifata nk'ibinyamakuru aho kwifata nk'imbuga zihuza abantu.
Mu bindi biri mw'iryo bwirizwa, rihamagarira urwego rujejwe guhanahana amakuru rwa Amerika kwerekana neza ingene izo mbuga zishobora kurengera akarimbi iyo zihaye gufuta ivyanditswe na bene kuzikoresha.
Risaba kandi ko ibiro vy'umukuru w'igihugu vyosubira kuronswa ubuhinga bwo kwakira imyidogo y'abanyagihugu mu gihe babonye ko izo mbuga hwaniro zabarenganije.
Ukutumvikana hagati ya Bwana Trump n'imbuga hwaniro kumaze igihe, ibintu bikaba vyagiye gusubira kwunyuka ku wa kabiri w'iyi ndwi, aho ama tweets abiri akorewe umwihwezo na Twitter ku ncuro ya mbere.
Vyamuteye ishavu, bituma ku munsi wa gatatu agabisha ko ashobora gufata ingingo yo "gukontorora cane" imbuga hwaniro.
Urubuga rwa Twitter ruvuga ko iryo bwirizwa rifise intumbero za politike, rukorenga ko y'uko ingingo ya 230 "ikingira uburenganzira bw'Abanyamerika bw'ugushikiriza ivyiyumviro vyabo, kandi ko buri mu biranga intwaro rusangi".
Eka na Google ariyo nyen'urubuga rwa YouTube, ivuga ko guhindura ingingo ya 230 ishoroa "guhungabanya ubutunzi bwa Amerika be n'uruhara ifise mu gutsimbataza uburenganzira bw'ugukoresha imbuga ngurukanabumenyi".