Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Uruhande rw'abanyamakuru ba Iwacu ngo rwizeye ko bazarekurwa mu bujurire
Urukiko rw'ubujurire rwa Ntahangwa rw'i Bujumbura uyu munsi rwasasiye mu ntara ya Bubanza ngo ruburanishe ubujurire (iyunguruza) bw'abanyamakuru bane b'ikinyamakuru Iwacu bafunze kuva mu kwezi kwa 10 umwaka ushize.
Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa, Egide Harerimana na Christine Kamikazi bakatiwe gufungwa imyaka ibiri n'amezi atandatu bahamijwe "ubufatanyacyaha mu guhungabanya umutekano w'igihugu".
Antoine Kaburahe umukuru w'ikinyamakuru Iwacu, yanditse kuri Twitter ashimira umuryango w'ubumwe bwa Afurika ko wohereje abawuhagarariye gukurikirana uru rubanza i Bubanza.
Clément Retirakiza, wunganira abanyamakuru baregwa yabwiye BBC ko bashima ko mu iburanisha uyu munsi abacamanza bahaye umwanya ungana impande ziburana.
Ati: "Twe twabwiye abacamanza ibyo twaneguye urubanza rwa mbere, tubiburanaho n'umushikirizamanza…Turebye uko byagenze turabona ko sentare ishobora kubarekura".
Bwana Retirakiza avuga ko icyo bashingiraho ari uko bagaragaje ko aba banyamakuru bafunzwe bariho bakora umwuga wabo bemerewe n'amategeko.
Ati: "Kujya i Musigati (aho bafatiwe) ni urugendo rw'umwuga bakoze rwemewe n'amategeko y'igihugu n'amategeko mpuzamahanga u Burundi bwasinye.
"Turizera rero ko abacamanza bazasoma neza amategeko nk'uko tuyatahura".
Aba banyamakuru baregwa ubufatanyacyaha mu guhungabanya umutekano w'igihugu igihe habaga igitero cy'inyeshyamba i Bubanza mu burengerazuba bw'u Burundi, igitero cyigambwe n'umutwe wa RED-Tabara.
Mu iburanisha, kimwe mu bimenyetso ubushinjacyaha buheraho bushinja abaregwa ni ubutumwa umwe mu baregwa yandikiranye kuri WhatsApp n'umunyamakuru mugenzi wabo wahungiye mu mahanga ubwo bariho bajya gutara iyo nkuru, bavugana kuri icyo gitero.
Urukiko rwavuze ko uru rubanza ruzasomwa nyuma y'iminsi 30.