Tchad: abarwanyi b'umuhari wa ki isilamu Boko Haram bapfuye ‘bariye isumu’

Igisirikare ca Tchad kimaze imyaka itanu gihanganye na Boko Haram

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Igisirikare ca Tchad kimaze imyaka itanu gihanganye na Boko Haram

Abarwanyi b'umuhari Boko Haram ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu basanze bapfiriye mu gasho mu bisa n'uko bahawe isumu (uburozi), nk'uko bivugwa n'umushikirizamanza mukuru wa Repubulika w'ico gihugu.

Bari mu murwi w'abantu 58 bari bafashwe mu gihe igisirikare cakora igitero gikomeye ku birindiro vy'uwo murwi biri ku nkengera z'ikiyaga Tchad.

Amatohoza yatanguye inyuma y'aho ibipimo vyo kwa muganga vyerekaniye ko boba bariye isumu ari ryo ryatumye bapfa.

Umushikiranganji w'ubutungane yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko batari bafashwe nabi.

Djimet Arabi yavuze ivyo yishura ku makuru avuga ko abo bapfungwa boba bari bakoranirijwe mu cumba kimwe kandi ko batagaburirwa mbere ko ata n'amazi babaha, inyuma y'aho bimuriwe ku mugwa mukuru N'Djamena, ku wa kabiri.

Igisirikare ca Tchad cakoze ico gitero inyuma y'aho uyo muhari ugandaguriye abasirikare hafi 100 ba Tchad ku wa 23 z'ukwa gatatu, mu gitero wakoze mu kiringo c'amasaha indwi ku kirindiro ca gisirikre kiri mw'izinga riri mu kiyaga Tchad.

Nico gitero ca mbere cari gikomeye cakozwe ku ngabo za Tchad kuva uyo murwi urenze imbibe za Nijeriya, haraciye imyaka.

Abo bapfungwa, bari bapfunzwe mu ntumbero y'ugukora amatohoza ku bitero vy'iterabwoba, batowe bapfuye mu gatondo ko ku wa kane.

Mw'itangazo yacishije kuri televiziyo y'ico gihugu ejo ku wa gatandatu, Youssouf Tom, umushikirizamanza mukuru wa Repubulika w'ico gihugu, yavuze ati: "

"Mirongo ine muri bo barahambwe, abandi bane nabo bajanwa kwa muganga kugira barabe icabishe, ariho mu nyuma hasohoka icegeranyo kivuga ko bari bariye isumu".

Bwana Arabi yabwiye AFP ko amatohoza abandanya: "Boba bihaye isumu kugira bose bapfire rimwe? Canke ni ibindi? Turacarondera inyishu".

Umushikiranganji w'ubutungane yongera ko y'uko umwe muri abo bapfungwa yari yatwaye ku bitaro yakize akaba yaciye ahamvya bagenziwe 13 "bakiri bazima kandi bameze neza".

Igisirikare kivuga ko ivyo bitero vyamaze iminsi umunani mu ntumbero yo kwomora abo barwanyi aho binyegeje mu nkengera z'ikiyaga Tchad vyagenze neza.

Tchad

Umwe mu bavugizi b'igisirikare avuga ko abarwanyi b'uyo muhari barenga 1000 bishwe muri ico gitero.

Haraciye imyaka irenga cumi umuhari Boko Haram utanguye intambara mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya - izo ntambara zikaba zaratandukiriye n'ibihugu bibanyi, zikaba zimaze guhitana abantu barenga 30.000, abandi nabo bashika imiliyoni zibiri barata izabo, nk'uko bivugwa na ONU.

N'aho ibihugu vy'akarere vyishize hamwe kugira ngo bituze uyo muhari, kuva mu mezi aheze warongereje akariro mu bitero vyawo.