Umuvyeyi w'umukuru wa Boko Haram ariyamiriza umuhungu wiwe

Ahavuye isanamu, AFP
Nyina w'umukuru wa Boko Haram Abubakar Shekau yagize ico avuze ubwa mbere, aho yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika ko umwana wiwe yakwegeye ingorane abantu benshi, akanavuga ko haciye imyaka 15 atamukubise iryera.
"Ndamusabira ngo Imana imwereke inzira nziza", ni ko yabwiye iyo radiyo ijwi rya Amerika.
Nyina wiwe yitwa Falmata yongeyeko:
Ni vyo ni umwana wanje kandi nyina w'umuntu yama akunda umwana wiwe ariko turatandukanye.
Yakwgeye akarambaraye abantu benshi. Nzohurira he na we kugira ndamubwire ko ivyo akora ari bibi?
Yagize ingeso yisangije aca aragenda. Sinzi iyo nyifato iyo ari yo?
Imana yonyene ni yo ibizi.
Nzohurira he na we ngo ndamubwire ko ivyo ariko arakora atari vyiza?
Umugwi w'abagwanyi ba Boko Haram watanguye kugwanya reta n'ibigwanisho mu 2009 mu ntumbero yo gushiraho reta ya kiislam muri Afrika yo mu burengero.
Uwo mugwi ubu wiganje mu buraruko bwa Nigeria umaze kwica abantu 20.000 mu gihe abandi imiliyoni zibiri batakigira aho bakika umusaya.
Uwo mugwi urongowe na Abubakar Shekau, Boko Haram yiyemeje gukurikiza amabwirizwa ya Etat Islamique mu 2015.
Mu kwezi kw'umunani 2016, uwo mugwi wariciyemwo ibice aho video yasohowe na Etat Islamique yavuga ko mu kibanza ca Shekau hagiye Abu Musab al-Banawi, bivugwa ko ari umwana w'uwatanguje uwo muhari.
Shekau yavyamiriye kure aho abandanya avuga ko ari we akirongoye uwo muhari.
"Sinzi ko akiriho canke yapfuye", ni ko Falmata avuga.
"N'Imana gusa ibizi".










