Nigeria yapfunguye abayoboke ba Boko Haram bababa 250

Boko Haram

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Boko Haram yaheruka gusohora video yerekana abakobwa isigaranye mu bo yafatiye mw'ishure rya Chibok

Igisirikare ca Nigeria kimenyesha ko bamaze guhabwa inyigisho zibakuramwo ivyiyumviro bari baracengejwemwo na Boko Haram, kandi ko ubu bashobora kubana n'abandi mu buzima busanzwe.

Abo bahora bapfunzwe bari bashikirijwe Bulamatari wa leta ya Borno, imwe mu ntara zibangamiwe n'ubugizi bwa nabi bwazananye na Boko Haram.

Uwo mugwi urimwo abana, abagore ndetse n'abagabo.

Mu kwezi kwa cumi umwaka uheze, habaye imanza zo kuburanisha mu kivunga abakekwa gukorana na Boko Haram, abenshi muri bo bari bamaze imyaka bapfunzwe bataracibwa urubanza.