Abarwanyi muri Nigeriya bishe abantu babatuririye mu miduga yabo baryamye

Scene in Aruno town

Ahavuye isanamu, Borno State governor/Facebook

Abantu vyibazwa ko ari abarwanyi ba ki Islam bishe abantu bashika 30 bananyuruza abagore n'abana mu gitero mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeriya nk'uko abajejwe intwaro babivuga.

Benshi mu bahasize ubuzima bari ingenzi, baturiwe gushika barapfa igihe bari baryamye mu miduga yabo bafashe akaruhuko k'ijoro.

Ico gitero cabereye mu muji wa Auno, uriko ibarabara rikuru rija muri leta ya Borno.

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Boko Haram, hamwe n'imigwi mito iwukomokako bagaba ibitero vy'ubunyamaswa muri Nigeriya kuva mu 2009.

Abantu bashika 35.000 baramaze kwicwa, abarenga imiriyoni zibiri bateshwa izabo nayo amajana baranyuruzwa.

Leta ya Nigeriya iramaze kuvuga akatari gake ko abo barwanyi baneshejwe, ariko ibitero vyabo bikabandanya.

Aho vyebereye mu muji wa Aruno

Ahavuye isanamu, Borno State governor/Facebook

Buramatari wa leta ya Borno, Babagana Zulum, vyagaraga ko vyamukozeko cane igihe yabona ibiziga vy'abantu vyacitse amakara, aho yagendera umuji wa Auno nyuma y'igitero c'ejo kuwa Mungu.

Abo barwanyi baje mu makamyo mato bashizeko inkoho ziremereye, batangura kwica, guturira no gusahura, nk'uko umuvugizi wa leta Ahmad Abdurrahman Bundi yabwiye ibiro ntaramakuru AFP.

Mu rwandiko ibiro vya buramatari vyavuze ko abo barwanyi "bishe abantu 30, benshi muri bo bari mu miduga yabo, banasambura imiduga 18".

Urwo rwandiko kandi rwavuze ko hanyurujwe abagore n'abana, ariko nta gitigiri cabo catanzwe.