Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Covid-19 yoba igihe gutuma ama ‘robots’ asubirira abantu ku kazi?
Mu gihe ikiza ca coronavirus ciganziye isi yose, abahinga babona ko ama robots agiye gukora akazi kokozwe n'umuntu.
Iyo migambi yari isanzwe ihari, ariko iki kiza catumye umurindi wongerekana.
Martin Ford, umuhinga aherutse kwandika igitabo yerekana ingene ama robots azokoreshwa mu ikorwa vy'ubutunzi, avuga ati:
"Abantu mu bisanzwe bipfuza ko umuntu ari we yobakurikirana kugira ngo abaremeshe, ariko rero Covid-19 iriko irabihindura".
"Covi-19 igiye gutuma ivyipfuzo vy'umuntu bihinduka".
Amakompanyi yaba manini canke mato ariko arakomeza ikoreshwa ry'ama robots mu ntumbero yo gufasha abantu kudakoranako be no kugabanya igitigiri c'abakozi batonda ku kazi.
Ayo ma robots kandi ariko arakoreshwa mu bikorwa abakozi badashobora gukorera muhira.
Akarorero no nko muri Koreya y'Ubumanuko aho ama robots ariko arakoreshwa mu bupima ubushuhe be no gutanga imiti yo kwica imigera.
Mu gihe abahinga muvyo amagara y'abantu bavuga ko mu 2021 bishobora kuba ngombwa ko hafatwa ingingo zo kudakoranako, ama robots ashobora gukenerwa cane gusumba.
Ubu hari amakompanyi atari make akora ibikoresho vy'isuku n'imiti yo kwica imigera ariko aragura ama robots ku rugero runini.
Eka n'amaduka canke amazu y'uburiro agurisha imfungurwa zitekerwa ariko arakoresha cane ama robots.
Abahinga bavuga ko mu gihe ibikorwa vy'ukwiyungunganya bibandanya vyongerekana, abantu bokwitega mu minsi iri imbere ikoreshwa ry'ubu buhinga, aho abantu bazotangazwa no kubona ama robots ariko arakoropa amashure canke ibiro.
Blake Morgan, umwanditsi w'igitabo yise The Customer of the Future, ati: "Muri kino gihe, abakiriya bashira imbere umutekano wabo, umutekano n'ubuzima bw'abakozi babo".
Hagati aho, haracari inzitizi. Umupfasoni Morgan abona ko ari vyo ko ikoreshwa ry'ama robots rishobora gutuma abantu badakoranako, ariko ko kubera ivyo vyuma bitama bikora neza canke bigakunda gupfa, abakiriya bashima kwegera abantu kugira ngo babatunganirize.
Hariho igihe umuntu azoba akenewe kuronka inyigisho kanaka canke insiguro y'ibintu kanaka.
Nico gituma ubu bariko bahingura ivyuma bikoresha ubwenge bwa kiremwa muntu, bishobora gusubirira umwigisha kw'ishure, mu myimenyerezo y'ukwinonora imitsi eka mbere no mu kzigisha ibijanye n'ikoreshwa ry'amafaranga.
Ubu hari n'amakompanyi manini ariko arakwiragiza izo mashini zikoresha ubwenge nk'ubw'abantu.
Akarorero ni nka Facebook na Google zikoresha cane ubwo buhinga mu guhiga no gufuta amakuru mabi acishijwe kuri izo mbuga kubera abakozi b'izo kompanyi hari ivyo badashobora kubona mu gihe bakorera muhira.