Jurgen Klopp amenyereza Liverpool ati kwimurira CAN mu kwa mbere ni ingorane kuri twebwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Liverpool, Jurgen Klopp, avuga ko ari "akaga gakomeye" kubona ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru ry imirwi nserukirabihugu ya Afrika (CAN) rya 2021 ryimuriwe mu kwa mbere.
Izo nkino za CAN 2021 zimuriwe mu kwa mbere kubera ikirere "kitoroshe" muri Cameroun izozitunganya, bikaba vyari bitegekanijwe ko ziba mu kwa gatandatu n'ukw'indwi.
Ivyo bivuga ko hari imirwi myinshi y'ibihugu vya Bulaya, harimwo n'iy'Ubwongereza, izotakaza abakinyi bakomeye mu gihe gikomeye c'amahiganwa.
Kuri Klopp, umurwi wiwe Liverpool uzobura abakinyi bakomeye, aribo Sadio Mane wa Sénégal, Mohamed Salah wa Misiri hamwe na Naby Keita wa Guinée.
Ati: "Ivyo bivuga ko bizogorana cane kugira ngo dushobore kugura umukinyi wa Afrika".

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Ibaze mu kiringo c'indwi zine zose utababona. Nk'umurwi utegerezwa kuvyitondera cane. Ivyo ari vyo vyose ku bakinyi ba Afrika si ingingo iborohereza".
Ihiganwa rya 2019 ryabereye mu Misiri ryabaye irya mbere riteguwe mu ci, inyuma y'imyaka itari mike ryari rimenyerewe rikinwa mu kwa mbere no mu kwa kabiri.
Ingingo yo mu mwaka wa 2017 yo kwimurira iryo higanwa mu ci yarakiriwe neza cane, cane cane n'imirwi mikuru mikuru yo ku mugabane wa Bulaya.
Iyi ngingo yo kwimurira izo nkino mu kwa mbere itumye zitazogongana n'ihiganwa ry'igikombe c'isi rihuza imirwi itandukanye y'umupira w'amaguru rizoba mu kwa gatandatu 2021 mu Bushinwa.
Ariko Liverpool iri mu mirwi ya mbere ya Premier League izotakaza abakinyi bayo rurangiranwa.
Klopp yongera ati: "Iri higanwa ndarikunda cane rwose kandi namye ndarikurikirana kuva kera. Ni ihiganwa riryoshe cane".
"Ariko, ni ingorane ikomeye iyo riteguwe umwaka w'inkino utararangira, n'aho ari ibintu vyumvikana ko abakinyi bazokina mu gihe ciza iwabo, mu gihe iwacu ikirere kiba kitoroshe".

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Ariko nta bushobozi dufise bwo guhindura iyo ngingo - kuko iyo tuvuze tuti 'Nta mukinyi wacu turungika', uyo mukinyi aca ahagarikwa vy'agateganyo".
Ku wa gatatu w'iyi ndwi, niho ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Afrika (CAF) ryafata ingingo yo kwimurira iryo higanwa rya CAN 2021 mu kwa mbere.
Cameroun niyo yabisavye kubera ivuga ko ikirere kitazoba cifashe neza mu kwa gatandatu n'ukw'indwi.
Inyuma y'inama yabaye kuri uwo munsi, icegera c'umunyamabanga mukuru wa CAF, Tony Baffoe, avuga ati:
"Tumaze kwihweza ivyashikirijwe n'abatari bake - cane cane abajejwe ikirere muri Cameroun, abamenyereza n'abakinyi - abaserukira umurwi ujejwe gutegura iryo higanwa ryemeye ivyo Cameroun yasavye".
Iryo higanwa ritegekanijwe gutangura ku wa 09 z'ukwa mbere rirangire ku wa 06 z'ukwa kabiri.










