Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
USA-Iran: Amerika ‘yiteguye kuja mu biganiro nyavyo’ na Irani ata kirinze gusabwa
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko "ziteguye kuja mu biganiro vyo nyavyo na Irani atakirinze gusabwa"inyuma y'aho ivyo bihugu bishamiraniye.
Mw'ikete yandikiye ishirahamwe ONU, Amerika isigura ko igandagurwa rya Jenerali Qasem Soleimani ryabaye mu buryo bwo kwivuna.
Irani yarihoye mu kurasa ibisasu vya misire ku birindiro vy'abasirikare ba Amerika muri Iraq ariko ntawe vyahitanye. Nayo nyene yabwiye ONU ko yakoze ico gitero mu buryo bwo kwivuna.
Jenerali Soleimani yaboneka ko ari we mutegetsi agira ubwa kabiri mu gihugu.
Nk'umukuru w'ingabo zidasanzwe, Quds, zo mu gisata ca gisirikare kijejwe gukingira ubutegetsi bwa ki isilamu (Iranian Revolutionary Guards'), politike ya Irani mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati yari ihagaze kuri we.
Mw'iryo kete ryarungikiye Inama Nkuru y'umutekano y'ishirahamwe ONU, uwuserukira Amerika muri ONU Kelly Craft , avuga ko Amerika yiteguye kuganira "mu ntumbero yo kubuza Irani ko ihungabanya amahoro n'umutekano vy'isi".
Rivuga kandi ko Amerika izofata n'izindi ngingo "mu gihe vyokenerwa" mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati kugira ngo ikingire abakozi bayo n'inyungu zayo.
Hagati aho, uwuserukira Irani muri ONU, Majid Takht Ravanchi, avuga ko ata muntu yokwemera ivyo ibiganiro bivugwa na Amerika, mu gihe ibandanya ifatira Irani ibihano ruhasha mu vyerekeye ubutunzi.
Bwana Trump yarigeze kumenyesha ko yipfuza kuganira na Irani atakirinze gusabwa - mbere ko yobonana na Perezida Hassan Rouhani.
Mu kwezi kw'icenda guheze, Ayatollah Khamenei yavuze ko Irani itarota ija mu biganiro na Amerika, akavuga ko ari uburyo bwayo bwo kurondera "gushira igitutu kuri Irani".
Ayatollah Khamenei avuga ko, mu gihe Amerika yosubira mu masezerano yivumbuyemwo mu 2018 yerekeye umugambi wa Irani w'uguhingura ubutare bw'ubumara, Irani ishobora kuja mu biganiro bishobora kuyihuza n'ibindi bihugu vyose biri muri ayo masezerano.
Mw'ikete rya Irani, Bwana Ravanchi yanditse avuga ko Irani "idashaka intambara" inyuma y'aho ikoreye igitero co kwivuna ku kirindiro c'ingabo za Amerika.
Yanditse ati: "Ico gitero cakozwe uko categuwe kandi gikorwa ku birindiro vya gisirikare, ari naco gituma ata banyagihugu basanzwe bahasize ubuzima, eka n'inyungu zabo zikaba ataco zabaye mu karere".
Inyuma y'ico gitero ca Irani, Perezida Trump avuga ko Irani isa n'iyahesheje.
Mark Esper avuga ko Irani yateye ibisasu vya misire 16, aho 11 vyaguye ku kirindiro ca Al Asad, ikindi kikagwa ku kirindiro ca Irbil. Avuga ko ibindi vyaguye kure y'aho vyategerezwa kugwa.