Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Human Rights Watch ivuga ko zimwe mu mpunzi zatahutse mu Burundi zagiye ku nguvu
Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, rivuga ko mu mpunzi zitahuka mu Burundi ziva muri Tanzania harimwo izitahuka ku nguvu.
Ngo izo mpunzi zatashe ku nguvu ni izari zabuze uko zigira kubera ingingo zafashwe na Tanzania kugira ubuzima bwazo bugorane muri Tanzania.
Ariko HRW ivuga ko ayo makuru yayahawe n'izo mpunzi ngo ntiyashoboye yo nyene kuyatohoza ku giti cayo.
Haciye imyaka ibiri leta za Tanzania n'u Burundi hamwe n'ishami rya ONU rijejwe impunzi HCR, bishize umukono ku masezerano yo gutahukana impunzi z'Abarundi ziri mu gihugu ca Tanzania, zibishaka.
Muri iyo myaka ibiri, bivugwa ko impunzi z'Abarundi zimaze kuva muri Tanzania ku gushaka zishika ku 80.000, ku mpunzi zishika ku bihumbi 230 zari zahungiye muri Tanzania kubera imvururu zo mu 2015 mu Burundi.
Ariko HCR yemeza ko zimwe muri izo mpunzi zatahutse bivuye ku kubura uko zigira kuko ubuzima bwazo bwari bwahagaze muri Tanzania.
Jerry Simpson wo muri Human Rights Watch yabwiye BBC ati "Twavuganye n'impunzi mirongo ibiri twasanze mu gihugu ca Uganda.
"Indwi muri izo mpunzi zari zatahutse ariko zishitse mu Burundi zihohoterwa n'urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi zica zihungira muri Uganda.
"Abandi 13 bobo bavuye muri Tanzania baca baja ubwo nyene muri Uganda. Nta bitigiri bishimitse dufise, ariko hari impunzi yinshi z'Abarundi ziriko ziraja muri Uganda."
BBC yabajije ingene abantu 20 boba urugero rwo gufatirwako mu kuvuga ko abatashe batatashe ku gushaka, kandi abo bivugwa ko bamaze kugenda bashika ibihumbi 80.
Bwana Simpson yagize ati: "Ntituvuga yuko abatahutse bose batahutse ku nguvu, ariko hariho imigwi y'abashika nk'amajana yatumberejwe mu gutotezwa no guhimirizwa gutahuka ku nguvu".
Yavuze ko bimwe mu vyagizwe na Tanzania kugira izo mpunzi "zomoke" ari ukwugara amasoko y'impunza, gusambura amaduka yazo hamwe no kuzihohotera.
BBC iracagerageza kumenya ico abajejwe intwaro mu Burundi na Tanzania bavuga kuri ivyo vyagiriji vya Human Rights Watch.
Biravugwa ko imvururu zatanguye mu Burundi nyuma yo gusubira kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza, zatumye abarundi bashika ku bihumbi 400 bahunga, benshi muri bo bahungira muri Tanzania.
Ariko leta y'u Burundi ivuga ubu umutekano umaze kugaruka hose mu Burundi, rero ko ata mpamvu yotuma izo mpunzi ziguma ziba mu nkambi mu bihugu bibanyi.
Ivyo ariko biri uko mu gihe hari ayandi makuru avuga ko hari Abarundi n'ubu bagihunga kubera itotezwa rikorerwa abatavuga rumwe na leta.