Burundi: 27 bapfuye basenyukiweko n'umusozi mu Cibitoke

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu bashika 27 ni bo bamaze kumenyekana ko bapfuye bahitanywe n'umusozi waguye ku bantu biturutse ku mvura y'isegenya yaguye ejo ku mugobora muri komine Mugina, mu ntara ya Cibitoke.
Ubushikiranganji bw'umutekano mu Burundi bubicishije ku rubuga rwa Twitter bumenyesha ko abandi indwi bakomeretse, abandi na bo bashika cumi baburirwa irengero.
Ivyo vyabaye ku mitumba ya Nyempundu, Gikomero, na Rukombe ya zone Nyakarabo.
Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko ivyo bitigiri bikiri ivy'imfatakibanza kuko ibikorwa vyo kurondera bikibandanya.

Buvuga kandi ko hariho n'amazu ataramenywa igitigiri yatwawe n'iyo mvura.
Imvura nyinshi igize iminsi ihitana abantu n'ibintu mu bihugu bimwe vyo mu karere ka Afrika y'ubuseruko.
Abahinga mu vy'ikirere baragabisha ko imvura y'isegenya ishobora kubandanya igwa gushika mu mpera z'uku kwezi muri ako karere.






