Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Leta ikemura gute ikibazo c'ikena ry'amahera y'agaciro?
Leta y'u Burundi iheruka gufata ingingo mu gisata c'ubutunzi n'urudandazwa benshi bavuga ko zigamije kugerageza kubungabunga amahera y'agaciro ari muri ico gihugu.
Muri urwo rwego, Banki ya Republika y'u Burundi iherutse gufata itegeko riraba abinjirana amafaranga muri ico gihugu, harimwo n'abanyamahanga.
Iryo tegeko ribabwiriza gukoresha amafranga y'amarundi mu kugura ibintu vyose imbere mu gihugu.
Baterezwa kandi kuvunjisha mu bigo vyemewe n'amategeko amafranga y'agaciro baba bafise, bashaka kuyakoresha.
Iyo ngingo yakurikiranye n'iyindi igenga ukudandaza ubutare n'ayandi mabuye y'agaciro muri banki y'igihugu.
Ikibazo c'ikena ry'amafatanga y'agaciro mu Burundi bivugwa ko coba kiva ahanini ku bihano u Burundi bwafatiwe n'ishirahamwe rya Buraya, ryahagaritse amahera ryaha ico gihugu kuva mu 2015 igihe hatangura ingorane za politike.
Mu gushaka kumenya vyinshi kuri izo ngingo leta y'u Burundi iheruka gufata, Florentine Kwizera yavuganye na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy'ubutunzi.