Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopian Airlines: "Uwafashwe n'ibisazi" yahungabanije indege i Bujumbura
Kompanyi y'indege Ethiopian Airlines yamenyesheje mu rwandiko ko indege yayo yari ivuye Addis Ababa ija mu Burundi no mu Rwanda, yahungabanijwe n'umuntu "yafashwe n'ibisa nko gusara".
Iryo tangazo rivuga ko "indege nimero ET817 yari mu rugendo iva Addis Ababa ija i Bujumbura na Kigali yamenyesheje ko umwe mu ngenzi yafashwe n'ishavu risa nko gusara, agatera ubwoba avuga ko afise igisasu indege iriko iragwa i Bujumbura."
Ethiopian Airlines yabandanije ivuga ko iyo ndege yashitse hasi ata nkomanzi, ingenzi ziyivamwo mu buryo busanzwe, hanyuma igipolisi gifata iyo ngenzi yigenje nabi yagirijwe icaha co "kwisaza mu kirere mu ndege".
Iyo kompanyi yahejeje itangazo ivuga ko iyo ndege n'abayikoramwo yaciye ibandanya urugendo rwayo nk'uko rwari rwateguwe, igashimira abo bayikoramwo hamwe n'abakora ku kibuga c'indege ca Bujumbura ku kuntu bavyitwayemwo.
Vyagenze gute?
Mu masaha yo mugitondo indege ya Ethiopian Airlines yaguye i Bujumbura hafatwa umugabo bikekwa ko yari agiye gukora igikorwa c'iterabwoba muri iyo ndege nk'uko abategetsi bavyemeje.
Amakuru umwe mu bari muri iyo ndege yahaye BBC Gahuzamiryango ni uko uwo mugabo yateye ubwoba abayirimwo mu kuvuga ko afise ibiturika kandi agiye guturitsa iyo ndege.
Haciye hacanacanako amakuru ku mbuga hwaniro avuga ibitandukanye, mu ntango mbere hakaba hari ayavuga ko yari indege ya Kenya Airways, ariko BBC iza kumenya ko ari iya Ethiopian Airlines, nyuma yo kuvugana n'abakora ku cicaro cayo i Addis Ababa.
Ubushikiranganji bw'umutekano mu Burundi bwaciye busohora ubutumwa ku rubuga rwa twitter bwemeje ko ku kibuga c'indege ca Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye hafashwe "umuntu akekwa iterabwoba mu ndege yari ivuye Addis Abeba".
Ubu ibintu vyasuye uko bisanzwe ku kibuga c'indege i Bujumbura, ikirere kikaba cuguruye nk'uko bisanzwe.