Ubuvyibuhe bukabije ngo 'ntaho buhuriye no kunebwa kw'umuntu'

Kuvyibuha bikabije si ivyo umuntu ahitamwo kandi kumaramaza umuntu kubera ko avyibushe bituma yiyumva nabi gusumba, nk'uko icegeranyo cakozwe n'abahinga mu vy'inyifato kibimenyesha.

Gihamagarira abantu guhindura imvugo, nk'akarorero bakavuga ko umuntu afise 'obesite' ubuvyibuhe bukabije, aho kumwita 'obese'.

Ico cegeranyo kivuga kandi ko abahinga mu bijanye n'amagara y'abantu bari bakwiye guhabwa inyigisho zibafasha gufasha no gushigikira abakeneye kugabanya ibiro.

Hari isekeza ryakozwe mu minsi iheze n'ishirahamwe rifasha kurwanya cancer ryaneguwe kubera kumaramaza abantu bafise ubuvyibuhe bukabije.

Urugero rw'ubuvyibuhe bukabije rwageze kuri 18% hagati ya 2005 na 2017 mu Bwongereza, eka no muri Ecosse, Pays des Gales hamwe na Irlande y'uburaruko.

Ibi bisigura ko abantu batari munsi y'umwe kuri bane mu bakuze muri ivyo bihugu bigize Ingoma y'Ubwongereza bafise ubuvyibuhe burenze urugero.

Ariko rero iduga ry'urwo rugero ntirishobora gusobanurwa n'uko abantu mu Bwongereza boba baradebukiwe, ahubwo n'izindi mpamvu zigoye gusobanura gusumba nk'uko bivurwa n'abahinga mu nyifato n'ivyiyumviro.

Icegeranyo c'ishirahamwe ry'abo bahinga cerekana ko ubuvyibuhe bukabije budaturuka ku bushake buke bwa muntu.

Umwitwarariko no guhungabana

Ico cegeranyo cerekana ko abantu bafise ivyago kuruta abandi, vyo kugira ubuvyibuhe bukabije, ari ababa baravukanye kamere yo kuvyibuha, canke ababa mu buzima butuma barya birenze canke bakoresha inguvu gake.

Uwundi mugwi ico cegeranyo kivuga ni abantu baba mu bice birangwamwo ubukene usanga bafise umwitwarariko urenze, ibibazo vy'ubuzima vyinshi canke ihungabana.

Ngo usangakandi ari abantu bataronka amahirwe yo gukora ibikorwa bituma ingingo z'umubiri wabo zinonoka, canke ndetse ngo bagire uburyo bukwiye bwo gufungura ibifitiye umubiri akamaro.

Ivyo umuntu aba yaraciyemwo bishingiye ku vyiyumviro n'inyifato navyo nyene birafise uruhara muri iki kibazo c'ubuvyibuhe bukabije, aho usanga hafi ica kabiri c'abantu bakuze bavyibushe birenze, usanga baraciye mu bibazo mu buto bwabo.

Umwitwarariko uturutse ku kumaramazwa kubera ubuvyibuhe, aho usanga gutwenga umuntu avyibushe bimutera kwiyanka, ivyo ibigo vy'amagara y'abantu, abaganga, abaforoma n'abajejwe gufata ingingo bavuga, bitera uwuvyibushe kurya no kurushaho kwongereza ibiro.

Umwongereza akora ibiganiro vyo gutwenza James Corden aherutse kunegura abamaramaza abafise ubuvyibuhe bukabije, agira ati, "iyiba gutwenga abavyibushe vyatuma umuntu atakaza ibiro, nta bana bavyibushe baba basigaye mu mashure" .

Dr Angel Chater, niwe yanditse ico cegeranyo c'abahinga akaba akurikira inyigisho z'amagara n'inyifato muri Kaminuza ya Bedfordshire.

Avuga ko abahinga mu bijanye n'inyifato bashobora gukoresha ubumenyi bwabo mu kwigisha abaganga n'abandi bakozi bo mu gisata c'amagara y'abantu, kugirango bamenye uko bafata abafise ikibazo c'ubuvyibuhe bukabije.

Yagize ati 'iyo aba kuvura abafise ubuvyibuhe bukabije vyari ibintu vyoroshe, nta mpamvu twoba twaranditse iki cegeranyo'.

Kubwa Dr Angel Chater, ngo ushobora kuba ufise ubushake bwose, ariko biturutse ku kutabona ibifungurwa nyavyo, kubaho nabi no kutaba waragize intango nziza mu buzima, ugasanga biragoye kugabanya ibiro.

Kwigira ku kunywa itabi

Abahinga bavuga ko leta zari zikwiye kwitaho ikibazo c'ubuvyibuhe bukabije nk'ico kunywa itabi.

Umuyobozi nshingwabikorwa w'umugwi w'abahinga mu nyigisho z'inyifato n'ivyiyumviro mu Bwongereza Sarb Bajwa, avuga ko hashize imyaka harabaye utwigoro dutandukanye kuri leta.

Utwo twigoro ngo ni utwo gufasha abanywi b'itabi kuriheba, kandi ngo hariko haribonekeza igabanuka ry'ibitigiri vy'abarinywa, ndetse n'ivy'ingwara riteza.

Agira ati: "Abahinga mu bijanye n'inyifato barafise ubuhinga bwo gufasha leta gukora nk'ivyo ku bafise ikibazo c'ubuvyibuhe bukabije".

Ku bwiwe ngo bashobora gufasha, "atari gusa mu kwerekana amayira umwe wese abikeneye ashobora gufashwamwo, ariko kandi no mu kugira leta inama yo gushiraho imigambi izofasha abantu kworoherwa mu kwirinda ico kibazo c'ubuvyibuhe kitarabashikira".

Mugabo rero, abahinga mu bijanye n'inyifato ntibemeranya n'iciyumviro co gufata ubuvyibuhe bukabije nk'ingwara kuko, nk'uko babivuga, ngo bishobora kugabanya inguvu zikwiye gushirwa mu guhindura inyifato, kandi arico gishobora gufasha gusumba.