Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Udusaho tw'intanga burya ngo hari igihe tutanganya ubushuhe
Ubushakashatsi bwapimye niba hari ubudasa mu bushuhe hagati y'agasaho k'intanga k'ibubamfu (ibumoso) n'ak'iburyo ni bumwe mu bwatsindiye agashimwe Ig Nobel uno mwaka.
Abahinga mu vyo kurondoka Roger Mieusset na Bourras Bengoudifa bapimye ubushuhe mu dusaho tw'intanga tw'abagabo b'Abafaransa bakora mw'iposita, bapimwa bambaya, basubira no gupimwa batambaye.
Abo bahinga basanze agasaho k'ibubamfu gashushe kurusha ak'iburyo, ariko mu gihe umugabo yambaye impuzu.
Abatsindiye udushimwe Ig Nobel batangajwe mu birori vyabereye kuri Kaminuza ya Havard.
Mu bushakashatsi bwiswe "Thermal Asymmetry of the Human Scrotum" bwasohowe mu kinyamakuru Human Reproduction, abashakashatsi basiguye ko ibipimo vyabo vyibanze ku bushuhe bw'udusaho tw'intanga bwabimwe buri minota ibiri.
Basavye abagabo 11 bakora mw'iposita (batanga amakete y'abantu umuryango ku wundi) guhagarara iminota 90 mu gihe bariko barabapima ubushuhe bw'udusaho tw'intanga.
Mu bundi bushakashatsi, bapimye ubushuhe bw'abashoferi ba bisi 11, babapima bicaye.
Ig Nobels ni udushimwe bwoko ki?
Udushimwe Ig Nobels ni udushimwe dusa n'utwo kwinezereza dutangazwa mu gitabo Annals of Improbable Research, c'ubushakashatsi mu bisanzwe atawubwiyumvira, ariko vyinshi mu bihabwa ubwo bushimwe ni ibintu usanga bifise ishingiro.
Ku gikorwa c'aba bahinga, hari ubundi bushakashatsi bwavuze ko mu bisanzwe ubushuhe bukikuje udusaho tw'intanga bushobora kugira uruhara mu kurondoka kw'abagabo.
Amagara y'intanga z'abagabo mu bihugu vya Buraya ariko aratituka, ariko nta vyinshi bizwi ku cotuma ayo magara agarukirwa.