Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuganga yakoresha intanga ziwe mu gufasha abashaka abana
Sentare yo mu gihugu ca Hollande yasavye ko hakogwa ibipimo vya DNA ku bikoresho vy'umuganga yapfuye, inyuma yaho umugwi w'abana bashingishirije urubanza bamwitwarira.
Abo bana bibaza ko Jan Karbaat ariwe se wabo vyukuri (père biologique), ko yakoresheje intanga (spermes) ziwe mu buryo bwo kurondera abana bwa "In Vitro Fertilization" (IVF), aho gukoresha intanga z'abagabo ba nyina bari bipfuje ko boba ba se.
Imiryango yashingishije urwo rubanza yanezerewe yumvise rusomwe.
Karbaat, yapfuye mu kwezi kwa kane afise imyaka 89, yikekwa ko yavyaye muri mwen'ubwo buryo abana batandatu.
Uwunganira umuryango w'uwo muganga yavuze ko ata vyemezo bihari kuri ivyo birego.