Abantu bashika 30 bahitanywe n'ibisasu hirya no hino muri Afuganisitani

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu bashika 30 bahitanywe n'urukurikirane rw'ibisasu vyaturikiye mu mpande zitandukanye z'igihugu ca Afuganisitani.
Abashika ku munani baguye ku murwa mukuru Kabul, igihe ibisasu bitatu vyaturika bikurikirana mu mwanya muto.
Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwavuze ko mu gitero kimwe, umwiyahuzi yagereye ibisi yari itwaye abakozi ba leta.
Mu ntara ya Takhar, mu buraruko bwa Kabul, igitero c'aba Taliban kuri bariyeri zibiri cahitanye abapolisi batandatu, nayo i Nangarhar, abandi bantu indwi bahitwanywe n'igisasu caturikiye mu mpande z'ibarabara.
Abahinga mu vy'umutekano bavuga ko ibitero vy'aba Taliban bigenda biraba vyinshi kugira biyongere igihagararo mu gihe bari mu biganiro na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.






