Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mueller arasubira kwumvirizwa ku kibazo c'imigenderanire ya Trump n'Uburusiya
Robert Mueller, yayoboye itohoza ku kibazo co kwivanga kw'Uburusiya mu matora yo mu 2016 muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, uyu munsi arongera kwumvirizwa imbere y'inama nshingamateka.
Ateganya guhatwa ibibazo incuro kabiri, isaha zibiri n'igice , n'isaha zitandatu n'igice ku masaha yo muri Amerika.
Bwana Mueller yari yarahakanye kubazwa, ariko yahavuyye avyemera inyuma y'aho imigwi ibiri imurungikiye urwandiko rumutegeka kwitaba.
Mueller abajijwe inyuma y'amezi atatu ashikirije icegeranyo ku matohoza yayoboye, yari yerekeye isano ryoba riri hagati yo kwiyamamaza kwa Trump n'Uburusiya.
Ico cegeranyo ciwe c'impapuro 448, nticatomoye nimba abari bajejwe kumufasha kwiyamamaza barakoranye mu buryo buciye kubiri n'amategeko n'ubutegetsi bwa Moscow kugirango bahushishe amatora.
Ariko rero kirerekana incuro 10 aho Trump yashatse kuburizamwo iryo tohoza.
Birashoboka ko bwana Mueller ahatwa ibibazo kuri izo ngero zo kubuzwa gukora itohoza, hamwe n'ibirego vy'ukwivanga kw'Uburusiya, uko urwego rw'ipererza FBI rwitwaye, hamwe rero no kumenya nimba perezida ashobora kurerwa icaha.
Ku ruhande rw'aba Demokarate bifuza kubaza Mueller impamvu atavuze nimba yasanze perezida Trump yera.