Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump: Mueller ashobora kutambaza ivyerekeye Uburusiya
Prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko 'bishoboka' ko adahatwa ibibazo na Mueller- umugabo ajewe kugira amatohoza ku migenderanire yabaye hagati y'abari bashinzwe imyiyamamazo ya Trump hamwe n'Uburusiya.
Nta bintu twakoranye, ni ko Trump yongeyeko, aca avuga, "Nzoraba ingene bizogenda."
Mu kwezi kwa gatandatu mu 2017, Trump yavuze ashobora kwemera kubazwa "100%" kandi yashikirije n'indahiro.
Yagumye ahakana ko mu myiyamamazo yiwe atigeze akorana n'Uburusiya mu gutega imitego uwo bari bahanganye Hillary Clinton, avuga ko ivyo bavuga ari ukuzira umwikeko gusa.
Mu ntango y'iyi ndwi, ibinyamakuru vyo muri Amerika vyanditse ko ababuranira Trump bari mu biganiro n'umunyamategeko Mueller kugira bumvikane umusi yobarizwako.
"Mu gihetutigeze dukorana- kandi akaba ata n'umwe yabonye inegene twakoranye ku rugero urwo ari rwo rwose- Biboneka ko boshoboka ko ata no guhatwa ibibazo bizobaho," ni ko Trump yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu.