Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikirego inyuma y'itohoza kuri Trump n'Uburusiya
Ibinyamakuru vya Leta zunze Ubumwe za Amerika bimenyhatanzwe ibitrego ku ruhara rw' Uburusiya mu matora yo muri Amerika, ariko ntibimenyesha ko abo vyerekeye, n'ivyo birego ivyo ari vyo.
Abaregwa abo aribo bose, bashobora gutabwa muri yompi kuva ku munsi wa mbere, nk'uko bitangazwa n'ikigo c'itangazamakuru CNN.
Ibigo vy'iperereza vya Leta zunze Ubumwe za Amerika mu ntango z'uyu mwaka ko Uburusiya bwoba baragerageje gufasha Donald Trump mu matora.
Ivyo binyamakuru vyavuga ko Uburusiya bwakoze isekeza ryo gutyoza umu democrate bahiganwa, Hillary Clinton, mu kuvogera 'emails' ziwe no kurarika abakoresha imbuga nkoranyambaga mw'iperereza ryo musevya.
Iperereza riyobowe n'umujanama adasanzwe Robert Mueller, ryatanguye mu kwezi kwa gatanu.
Uretse kuraba uruhara rw'Uburusiya mu matira ya Amerika, hariho kandi no kumenya nimba abakorera isekeza Trump boba barakoranye n'ubutegetsi bwa Moscow.
Ku munsi wa gatanu Trump yavuze ko abamukorera isekeza ryo kwiyamamaza batakoranye n'Uburisya, nayo Uburisya bwahakanye kera uruhara muri ayo matora.