Mueller 'aragabisha Trump ko ashobora kurengutswa kwisigura'

Umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller yagabishije ko ashobora guha umutahe Donald Trump wo kwitaba imbere y'abagira amatohoza kugira yisigure ku bivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora ya Amerika nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya Amerika.

Iyo ngingo Mueller yayimenyesheje mu biganiro bagiriraniye n'ababuranira Trump mu kwezi kwa gatatu.

Yavuze ko uwo mutahe ushobora guhamagarira Trump kwitaba abagira amatohoza, nk'uko vyandikwa na Washington Post.

Bubaye ubwa mbere uwo mushikirizamanza avuze ko bishoboka ko ategeka ku nguvu Donald Trump kuvuga ivyo azi kuri ivyo bivugwa ku Burusiya.