Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump: Isakwa ry'ibiro vy'umushingwamanza Michael Cohen'ni ibiterasoni'
Prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko igikorwa co gusaka uwumuburanira cakozwe na FBI ari "ibiterasoni" kandi " ari nk'igitero ku gihugu cacu".
"Hariho abantu bampiga hasi kubura hejuru," ni ko yabwiye abamenyeshamakuru bo ku kirimba.
Abategetsi i New York bafashe "amajwi " y'aho Michael Cohen yavugana n'uwo aburanira, nk'uko uwumuburanira yabivuze inyuma y'isakwa ryo ku wa mbere.
Impapuro zerekana ingene umukinyi wa filime z'abakuze yarishwe na zo zafashwe.
Amategeko yakurikijwe bivuye ku mushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller, ariko aragira amatohoza ku ruhara Uburusiya bwoba bwaragize mu kwivanga mu matora ya Amerika mu 2016.
Trump kandi yanebaguye ingene amatohoza ariko aragenda aca avuga ko umugwi urongowe n'umushikirizamanza Mueller ukora nabi cane.