Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump "yahaye amahera" umugore bagendana ngo anume
Ibinyamakuru vyo muri Amerika bivuga ko umuhanuzi wa Prezida Donald Trump mu vy'amategeko yahaye amahera arenga ibihumbi 100 vy'amadolari umugore akina mu masinema y'ibishegu ngo anume, ntamwandagaze.
Ayo mahera ngo yoba yatanzwe hasigaye ukwezi ngo habe amatora y'umukuru w'igihugu, igihe gikomeye cane mu myiyamamazo ya Trump, aho yahakana ku vyo yaregwa ko yafashe nabi abagore.
Ikinyamakuru "Wall Street Journal" kivuga ko umunyamategeko, Michael Cohen, yagiranye ayo masezerano na Stormy Daniels, hasigaye gato ngo ashikirize ku mugaragaro ivy'ingene bagendanye.
Ikinyamakuru "New York Times" kivuga ko Bwana Cohen yahakanye ko yahuye n'uwo mugore, kandi ngo ntiyagize ico avuga ku bijanye n'ayo mahera yoba yaratanzwe.
N'uwo mukinyi w'ibishegu (pornographie) arahakana ko yahawe ayo mahera.
(Uwo mubonano ngo woba wabaye haheze umwaka Bwana Trump arongoye umugore wiwe wa gatatu, Melania, yegereje kwibaruka umuhungu wabo, Barron).