Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
$10,000,000 ku wotanga amakuru yokuza Trump ku butegetsi
Umwanditsi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yandika inkuru z'abakuze canke pornography, yatangaje agahembo ku wozana amakuru yokuza ku butegetsi Trump.
Ako gahembo ni ak'imiriyoni cumi z'amadolari ya Amerika, azohabwa uwo wewe azozana amakuru ashobora gutuma Donald Trump akurwa mu mabanga yo gutwara Amerika.
Larry Flynt, nyene ikinyamakuru Hustler, yavuze ko gukura bwana Trump ku butegetsi imbere y'uko amazi arenga inkombe ari igikorwa ca buri Munyamerika wese.
Itangazo rivyamamaza ritanga nimero ya telefone hamwe na email yo kurungikaho ayo makuru.
Bwana Flynt, yashigikiye cane Hillary Clinton igihe yiyamamariza kuba umukuru w'igihugu, yari amaze gusohora amatangazo nk'ato ariko ntiyari bwemere gutanga amahera angana uko.