Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
SportPesa iranegura ingingo yafatiwe amakompanyi ya tombola
Ikompanyi SportPesa ivuga ko ingingo y'ubutegetsi bwa Kenya yo kuyihagarikira inomero yayo ngufi isanzwe ikoreshwa n'abashaka gutombora ifise intumbero "igayitse".
Gisubiramwo itangazo ryasohowe, ikinyamakuru Daily Nation kivuga ko ikigo kijejwe amashirahamwe y'ugutombora (Betting Control and Licensing Board, BCLB) yatanze amasaha 48 ku bantu bafise amahera yabo ku makonti ya telefone akoreshwa mu gutombora ko boba bayakuyeko.
Ku munsi wa gatatu, ico kigo cabwiye ikompanyi y'ugutumatumanako muri Kenya, Safaricom, ko impusha z'amashirahamwe 27 y'ugutombora, harimwo na SportPesa, zari zahagaritswe kubera batakwije "ibisabwa n'amategeko kugira basubire kwemererwa".
Itangazo ryasohowe na SportPesa rivuga ko iyo kompanyi yakurikije ibisabwa na leta ya Kenya, haba muvyo amakori canke muvyo amategeko.
Ivuga kandi ko ifasha mu migambi y'inkino n'imibano mu gihugu.
Iyo kompanyi iragabisha ko ingingo zafashwe n'ikigo BCLB zishobora gutuma ibikorwa vy'ugutombora bikorerwa mu kinyegero, kandi ko zishobora kugira ingaruka mbi mu mibano no ku butunzi bw'igihugu.