Kim Kardashian West yahevye gukoresha ikimenyetso ca Kimono

Kim Kardashian West, umuhinga mu bijanye n'inyambaro, agiye guhindura ikimenyetso c'ubuhizi (marque) kuri mode nshasha y'impuzu yerekana umuntu uko ari, inyuma y'aho yagirijwe ko ashatse kwiba akaranga.

Abayapani bamwe, baciye ku mbuga hwaniro, baridoze bavuga ko gukoresha ico kimenyetso kuri iyo mode, Kimono Intimates - kwari ukutubaha iyo nyambaro y'akaranga kabo.

Aciye ku kinyamakuru The New York Times co muri Amerika, mu ndwi iheze Kardashian West yari yabanje kunana, avuga ko atari guhindura ico kimenyetso.

Ariko, uno munsi ku wa kabiri, yamenyesheje ko azohindura irindi zina.

Uyo akunze kugaragara mu biganiro vyo kuri televiziyo muri Amerika akaba ari n'umuhinga w'imideri, yanditse ku rubuga rwiwe rwa instagram ati: "Igihe cose, nama numviriza, niga kandi ndondera gutera imbere... Igihe menyesha izina rya mode yanje, nta ntumbero mbi nari mfise mu mutwe".

Yongeyeko ati: "Maze kwiyumvira no kwihweza neza, nzotanguza iyo mode ku rindi zina rishasha".

Kimono, ikanzu yo mu gihugu c'Ubuyapani ifise amaboko maremare, yatangujwe mu kinjana ca 16.

Kubw'inzu ndangamurage yo mu Bwongereza, Victoria & Albert, "Kuva mu kinjana ca 16, kimono yabaye inyambaro ihuriyeko n'abantu bose eka n'ibitsina vyose mu Buyapani, kandi iracari ikimenyetso c'akaranga k'Ubuyapani".

Umugore w'Umuyapanikazi, Yuka Ohishi, yabwiye BBC mu ndwi iheze ati: "Twambara kimono mu kwigina amagara meza, abana, abakundanye, abubakana, ukuronka impapuro z'umutsindo, amaziko. Ni inyambaro ikoreshwa mu minsi mikuru kandi ni iragi risigaranwa n'imiryango".

"[Iyo] nyambaro yerekana umuntu uko ari nta n'uko isa na kimono - gusa uyo mupfasoni yatoye izina ririmwo Kim - nta cubahiro yahaye insiguro y'iyi nyambaro mu karanga kacu".