Ikirangaminsi c’amatora yo mu mwaka wa 2020 mu Burundi camenyekanye

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi CENI, waraye usohoye ikirangaminsi c'amatora muri ico gihugu, ategekanijwe mu mwaka uza wa 2020.

Nk'uko vyaraye bishikirijwe ejo ku wa gatanu na Pierre Claver Kazihise arongoye umurwi CENI, ayo matora azotangura kw'igenekerezo rya 20 z'ukwa gatanu, aho hazotorwa, ku munsi umwe, umukuru w'igihugu, abashingamateka, n'abajenama b'amakomine.

Azokurikirwa n'amatora y'abakenguzamateka azoba inyuma y'amezi abiri, ni ukuvuga kw'igenekerezo rya 20 z'ukwezi kw'indwi uwo mwaka nyene.

Bwana Kazihise amenyesha kandi ko mu gihe hatogira uwushikana ibice 50 kw'ijana vy'amajwi ku mukuru w'igihugu bikaba ngombwa ko haba amatora agira kabiri, azoca aba ku wa 19 z'ukwezi kwa gatandatu.

Amatora azorangira ku wa 24 z'ukwezi kw'umunani aho hazotorwa abarongoye imitumba.

Bwana Kazihise, arasaba ashimitse ko ataboca batangura kwiyamamaza hataragera kubera bumvise ico kirangamisi.

Avuga ati: "Ntihagire abumva ko ikirangaminsi casohotse, ngo hageze kwiyamamaza, oya! Ikirangaminsi ni ikugira ngo berekane ingene bizogenda, umwe wese azi ico atumbereye, yaba uwitoza canke uwutora, amenye kwitegura gushika igihe kigeze".

Ivyo biringo vyose bikazotangurirwa n'ibiringo vy'ukwiyamamaza ku bazoba bashaka kwitoza, bizomara ikiringo c'indwi zitatu, ni ukuvuga iminsi 21.